Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Dani Alves bamuteye umuhwi nk’inkende aca arawurya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Dani Alves bamuteye umuhwi nk’inkende aca arawurya

Umukinyi Dani Alves bamuteye umuhwi nk’inkende aca arawurya

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umukinyi Dani Alves yaraye asubiriye guterwa umuhwi n’abarorerezi bashigikiye umurwi wa Villareal. Si ubwa mbere ivyo bimushikira, ariko ubu hoho yaciye awutora arawurya.

Hari mu rukino rugira rwa 35 rw’amahiganwa yo muri Espagne (La Ligua) rwariko ruhuza umurwi wa FC Barcelone na Villareal ku kibuga c’uwo wanyuma. Dani Alves agiye gusubiza umupira mu kibuga uciye mu mfuruka (Corner) yatewe umuhwi n’abarorerezi bashigikiye Villareal. Ico kimenyetso cerekanako bamugereranije n’inkende . Kubera bama babimugize, Dani yatoye wa muhwi abanza kuwurya imbere y’uko atera umupira.

Urukino ruheze, yavuze ati:"maze imyaka 11 nkinira muri Espagne, kandi abo niko banyamiye. ko ntashobora kubahindura, mpitamwo kwitwengera ndabagaya."

Mugenzi we Neymar mukwifadikanya na Alves yanditse ati:"Twese turi inkende",
aca ashirako isanamu ariko arya umuhwi.

JPEG - 33.1 ko
Neymar ashigikira Alves ko nawenyene ari inkende

Si Alves wenyene amaze kugirwako amacakubiri y’ubwoko muri ico gihugu, hari n’abandi nka Paulao akina muri Betis Seville avuka na wenyene muri Brésil, eka na Allan Nyom, umufaransa akina muri Grenade aramaze kugirirwa iryo totezwa mvangurabwoko. Mwomenyako naho vyagenze uko, Villareal yatsindiwe iwabo ku bitsindo 3-2


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.