Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Didier Drogba yarahawe ikirato c’umujumbu n’umurwi wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Didier Drogba yarahawe ikirato c’umujumbu n’umurwi wa (...)

Umukinyi Didier Drogba yarahawe ikirato c’umujumbu n’umurwi wa Chelsea

mercredi 19 Ntwarante 2014

Mu nkino za "Champions Ligue"zigeze mu gice 4, umurwi wa Galatasaray waraye utanye mu mitwe n’umurwi wa Chelsea. Didier Drogba yaraye asubiye mu kibuga ca Chelsea yahoze akinirako akiri muri uwo murwi. Ariko mu rukino rwejo ntaco yahakuye, umurwi wiwe waratsinzwe. Ku rundi ruhande Real Madrid yasubiriye kuvugutira umuti urura umurwi wa Schalke04.

Izo nkino zibiri zabereye umwanya umwe, hari igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine n’itanu, amasaha y’i Bujumbura (21h 45). Urukino rwahuje umurwi wa Chelsea n’umurwi wa Galatasaray rwari rwitezwe n’abantu isinzi, kuko mu rukino rwo gutangura (aller), iyo mirwi yaranganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Urwo rukino rwari urwo gutatura iyo mirwi kugira haboneke uwuzobanda mu gice ca 4. Umukinyi Drogba yari yitezwe cane ku kibuga c’i Stamford c’i Londres yakiniyeko imyaka 8 ari mu murwi wa Chelsea. Imbere y’uko ifirimbi itanguza urukino ivuzwa, uwo mukinyi yabanje guhabwa ikirato c’umujumbu (Soulier d’Argent) nk’agashimwe k’ivyo yakoze muri uwo murwi. Ahejeje kuramutsa uwahoze ari umumenyereza wiwe Jose Mourinho, urukino rwaciye rutangura.

PNG - 228.5 ko
ikirato c’umujumbu cahawe Drogba

Ata mwanya uhaciye urukino rutanguye, umunya Cameroun Eto’o yinjije igitsindo ciza ku munota wa 44. Icabonetse, n’icizere c’umurwi wa Galatasaray ufitiye Drogba kuko imipira myinshi yaguma ica ku ruhande yarimwo n’aho atashoboye kubatabara. Mu gice ca kabiri c’urukino Gary Cahil wa Chelsea yinjije ikindi gitsindo, urukino ruhera ku bitsindo 2-0.

Ku rundi ruhande, Real Madrid yavugutiye kandi umuti urura cane umurwi wa Schalke 04 ibitsindo 3-1, aho mwomenya ko mu rukino rwa mbere uwo murwi wari watsinzwe ibitsindo 6-1.

Imirwi imaze kuronswa uruhusha rwo kuja mu gice ca 4 c’inkino ni iyi ikwirikira : Bayern Munich, Atletico Madrid, Real Madrid, Paris-Saint-Germain, Chelsea na Fc Barcelone.

Imirwi ya nyuma iriko irwanira kwinjira muri ico gice, ni urubanza ruri hagati y’imirwi ya Dortmund uzaguhura n’umurwi wa Zenith St-Petersbourg, na Manchester United uzaguhura na Olympiokos.

Amatora y’ingene imirwi izohura muri ico gice azoba kuri uwo wa gatanu i Nyon mu gihugu ca Suisse. Inkino z’igice ca 4 zizotangura kw’igenekerezo rya 1 na 2 Ndamukiza, izo gusubiza nazo zizoba ku magenekerezo ya 8 na 9 uko kwezi nyene.
Urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza i Lisbonne.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.