Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Dugary Ndabashinze yaratoye mitende - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Dugary Ndabashinze yaratoye mitende

Umukinyi Dugary Ndabashinze yaratoye mitende

mercredi 24 Mukakaro 2013

Inyuma y’ugukomereka bikomeye, umukinyi w’umurundi Dugary Ndabashinze ubu ariko aratora mitende buhorobuhoro. Dugary Ndabashinze ni umukinyi wa kera muri RC Genk yo mu gihugu c’Ububirigi, akorana n’umurwi wa Limbourgeoise.

Ikinyamakuru FootGoal.net cararondeye uwo mukinyi w’umurundi kugira ngo bashobore kumenya vyinshi ku bijanye no gusubira gukina kwiwe.
Dugary avuga ati : " Ubu,ndi mu myimenyerezo i Spa hamwe n’umurwi wa Genk. Haraheze ikiringo c’indwi nimenyereza n’uwo murwi. Bukebuke ndumva ndiko ndakira. Mu mubiri niyumva ko ari neza n’aho maze amezi umunani ntakina. Ntegerezwa kuguma mu murwi wa Genk kuko bashoboye kunyitaho kandi bakaba bakinyizigiye.

Dugary Ndabashinze amenyesha ko yumva yakize neza, ko hasigaye gusa ko asubira ku rugero yariko atararwara. Yizeye ko hamwe n’imiyabaga yo muri uwo murwi ko mu misi mike azoba yasubiriye ku rugero rwiwe.

N’aho afise imigenderanire n’iyindi mirwi, Dugary amenyesha ko ata mahitamwo aragira. Icipfuzo ciwe ariko n’uko yoguma mu gihugu c’Ububirigi.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.