Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Franck Ribery yasezeye umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Franck Ribery yasezeye umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa

Franck Ribery yasezeye umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa

jeudi 14 Myandagaro 2014

Umukinyi mpuzamakungu w’umufaransa Franck Ribery yatangaje ko ahagaritse gukinira umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa. Ashatse gusigira ikibanza abakiri bato, aakavuga kandi ko ashatse kwitaho bihagije umuryango wiwe, n’umurwi wa Bayern de Munich asanzwe akinamwo.

Ribery avuga ati :" Ngejeje aho. Igihe canje co guhagarika cageze". Ahagaritse inyuma y’inkino 81 n’ibitsindo 16 yinjije mu murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa bita "Les Bleus". Urukino rwa nyuma mu murwi nserukira gihugu yarukinye kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante 2014, aho batsinda igihugu c’Ubuholande ibitsindo 2-1. Uwo mukinyi yari gufasha igihugu ciwe mu nkino z’igikombe c’isi yose ariko ntivyashobotse kuko yari arwaye umugongo n’ubu ntarakira neza.

Kubera aho arwaye, Franck Ribery ntiyashoboye gukina urukino rwa nyuma rw’ihiganwa "Bundersliga" ryo mu Budagi rwahuje Borussia Dortmund na Bayern de Munich. Urwo rukino rwabaye ku mugoroba w’uwo wa gatatu igenekerezo rya 13 Myandagaro. Ico gikombe caciye gitwara umurwi Borussia Dortmund ku bitsindo 2 - 0 vy’umukinyi Pierre Emerick Aubameyang.

Ribery ntazokina kandi urukino rwa mbere rw’igikombe co mu Budagi kizotangura kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, akaba afise icizere co kuzokina inkino z’amahiganwa y’i buraya.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.