Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Gervinho yagiranye amasezerano na AS Rome - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Gervinho yagiranye amasezerano na AS Rome

Umukinyi Gervinho yagiranye amasezerano na AS Rome

vendredi 9 Myandagaro 2013

Gervinho, umukinyi ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire yarateye umukono ku munsi w’ejo ku masezerano amuhuza n’umurwi wo mu gihugu c’Ubutaliyano « AS Rome ». Amafaranga uwo mukinyi yaguzwe ntaramenyekana neza, co kimwe n’ikiringo ayo masezerano azomara.

Ku myaka 26, Gervinho ahambije muri uwo murwi ibindi bihangange nka Maicon wo muri Bresil, Morgan De Sanctis na Francesco Di Mariano (abataliyano), Tin Jedvaj wo muri Croitie, Mehdi Benatia wo muri Maroc.

AS Rome na Arsenal (umurwi Gervinho yahora akinamwo) barumvikanye kuri ayo masezerano n’aho batamenyesheje ikiguzi. Amakuru ava ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Arsenal amenyesha ko banezerejwe n’ibikorwa vya Gervinho muri uwo murwi. Abarongozi bose n’abakunzi b’uwo murwi baramushimiye bongera bamwipfuriza kuroranirwa mu gihugu c’Ubutaliyano.

AS Rome ubaye umurwi wa gatandatu Gervinho akinyemwo inyuma ya ASEC Mimosas (Côte d’Ivoire), Beveren (Ububiligi), Le Mans FC, Lille (Ubufaransa) na Arsenal (Ubwongereza)


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.