IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Lionel Messi yarungikiye ubutumwa Gerd Müller

Umukinyi Lionel Messi yarungikiye ubutumwa Gerd Müller

jeudi 10 Nzero 2013

Umukinyi avuka mu gihugu ca Argentine akaba ubu akina mu murwi wa FC Barcelone mu gihugu ca Espagne yararonse umupira w’inzahabu uhabwa umukinyi yigenjeje neza uko umwaka utashe hari kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 nzero 2013, ntiyibagiye gutura ako gashimwe abandi.

Umunya Argentine Lionel Messi, umukinyi w’umupira w’amaguru mu murwi wa FC Barcelona mu gihugu ca Espagne yararonse agashimwe k’umupira w’inzahabu, ako gashimwe kakaba gahabwa umukinyi yigenjeje neza mu mwaka uba uheze.

Mu ntumbero rero yo kunezerwa hamwe n’abandi kubera ako gashimwe, umukinyi Lionel Messi yararungikiye ubutumwa umukinyi w’umudagi Gerd Müller umukinyi nawe w’igihangange yabaye uwa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mu mwaka wa 2012.

Ubwo butumwa Messi yaburungitse abwanditse ku mpuzu bakinisha« maillot» akaba yanditseko ngo:« Kuri wewe Gerd Müller. Ndagukeje kandi ndagushima.»Iyo mpuzu rero Lionel Messi yayirungitse iri kumwe n’ikete ryarungitswe n’uwurongoye umurwi wa FC Barcelone Rosell arirungikiye mugenziwe Karl-Henz Rummenigge arongoye umurwi wa Bayern Munich umukinyi Müller asanzwe akinamwo.

Twobibutsa ko umukinyi Lionel Messi atwaye ako gashimwe ku ncuri igira kane yikurikiranya ahanaguye amateka yari yagizwe n’umukinyi wa kera muri Bayern Munich yari yinjije ibitsindo 85 mu mwaka umwe wa 1972 mu gihe Messi nawe yinjije ibitsindo 92 mu mwaka uheze wa 2012.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.