Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christiano Ronaldo yaronkejwe akaganuke n’umukeba wiwe atawuvyiteze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christiano Ronaldo yaronkejwe akaganuke n’umukeba wiwe atawuvyiteze

Christiano Ronaldo yaronkejwe akaganuke n’umukeba wiwe atawuvyiteze

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Umukinyi mpuzamakungu w’igihangange Cristiano Ronaldo yarahimbaje imyaka 29 y’amavuka, mukeba wiwe Zlatan Ibrahimovic yarifadikanije nawe ndetse yaranamukeje.

Cristiano Ronaldo canke CR7 yaraye ahimbaje imyaka 29 y’amavuka, umukinyi benshi bazi ko ari umukeba wiwe avuka mu gihugu ca Suède, akina mu gihugu c’Ubufaransa mu murwi wa Paris-Saint Germain «PSG»ntiyatanzwe kwifadikanya na CR7. Zlatan Ibrahimovic yagiye mu rubanza amushiriye akaganuke Cristiano atari yiteze n’agato.

Akaganuke Ibra yahaye CR7 mu kumukeza, n’agapira kanditseko «Dare to Zlatan», bisigura «Ubahuka Zlatan». Amaze kubona ako kaganuke, CR7 yishuye mugenzi we, ati :«urakoze cane, birandyoheye cane». Aba n’abandi bose barindiriye kuraba ko Cristiano azokwambara uwo mupira.

Uwo munsi washitse mu gihe uwo mukinyi yarahejeje guhagarikwa n’urwego ruraba ibijanye n’inkino z’amahiganwa y’igikombe c’umwami mu gihugu ca Espagne. Iryo hagarikwa ryavuye kw’ikosa yagiriye umukinyi Anderlturraspe wa Athletico Bilbao mu rukino rwabaye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 02 Ruhuhuma. Yahagaritswe inkino zitatu. Cristiano ntazokina urukino ruzohuza umurwi wa Real de Madrid n’umurwi wa Villarreal, n’uruzowuhuza na Elche eka na Getafe ntazokina.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.