Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papy Faty ku rutonde rw’abakinyi 10 bigenza neza muri Afrika y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Papy Faty ku rutonde rw’abakinyi 10 bigenza neza muri Afrika y’Epfo

Papy Faty ku rutonde rw’abakinyi 10 bigenza neza muri Afrika y’Epfo

samedi 10 Rusama 2014

Umukinyi w’umurundi Papy Faty akina mu gihugu ca Afrika y’Epfo yashizwe ku rutonde rw’abakinyi mvamahanga 10 bariko bafasha guteza imbere urukino ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu.

Ku rutonde rw’abakinyi mvamakungu 10 bariko bafasha iterambere ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukinyi w’umurundi Papy Faty akina mu murwi Bidvest Wits afise ikibanza ca 5. Imbere y’izina rya Papy handitseko uku : "Nk’uko bivugwa na mugenzi we bakinana muri Wits Matthew Booth, Papy Faty, ni umukinyi mpuzamakungu w’umurundi wa mbere yigenjeje neza mw’iryo higanwa. Imbere y’uko Papy avunika mw’ivi, yarafadikanije na Sibusiso, Vilakazi na Jabu Shongwe guteza imbere umurwi Bidvest Wits".

JPEG - 24.7 ko
Papy Faty akina muri Afrika y’epfo

Abandi bakinyi bari kuri urwo rutonde ni nka :

1) Robert Ng’ambi aza mu kibanza ca mbere, hagakurikira

2) Ansi Jaakkola

3) Antony Laffor

4) Willard Katsande

5) Papy Faty

6) Franck Mhango

7) Alje Schut

8) Tendai Ndoro

9) Knowledge Musona

10) Khana Billiat

N’aho Papy Faty yashizwe kuri urwo rutonde rw’ibihangange, mwomenya ko mu bakinyi 10 batumweko n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB gutegura urukino rw’Intamba mu rugamba na Botswana, umukinyi Papy Faty ntazoshobora kuza kubera ubu ari mu bitaro, bivuye ku gikomere co mu kuguru aheruka kugira.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.