Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi

Umukinyi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi

samedi 2 Rusama 2015

Umukinyi w’umurundi Saido Berahino yatanguje umugambi wo gufasha mu Burundi no mu bindi bihugu. Uwo mugambi uzokwitirwa izina ryiwe.

Umugambi wo gufasha"Fondation Saido Berahino" uzokwugurugwa ku mugaragaro mu ndwi iza mu gisagara ca Londres. Umugambi uzohera mu Burundi hanyuma uje no mu bindi bihugu. Saido Berahino azofasha mu gutanga amazi meza kuri abo bose batayafise. Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Biringham mail, umugambi Saido Berahino uzofashanya n’ishirahamwe WaterAid, kurondera amahera azokora mu gukwiragiza amazi meza kuri bantahonikora, bugarijwe n’ubukene harimwo no kubura amazi meza.

Uwo musatirizi w’imyaka 21 kandi wo murwi wa West Bromwich Albion, nawe agira ati:" Umunsi wo gutanguza ico gikorwa uzombera umunsi mwiza, jewe n’umuryango wanje". Arongera ati:" Jewe narabaye i Burundi kandi narahakuriye, ndazi rero amabi aterwa no kutaronka amazi meza",

Tony Pulis, umumenyereza wiwe nawe agira avuga ko ashigikiye Saido Berahino ko ashoboye kwibuka iyo yavuye, ikindi amushimira n’uko abona ko Saido afise inyota yo gushika ku vyo yiyemeje.

Tubibutse ko saido yahunze Uburundi afise imyaka 10, yinjiye mu murwi wa West Bromwich afise imyaka 12, none aherutse gushirwa ku rutonde rw’abasatirizi mu murwi nserukira gihugu w’Ubwongereza mu batarenza imyaka 21, yatowe kandi nk’umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.