Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Valery Nahayo yasezeye umurwi w’Intamba mu Rugamba. Amateka yiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Valery Nahayo yasezeye umurwi w’Intamba mu Rugamba. Amateka yiwe

Valery Nahayo yasezeye umurwi w’Intamba mu Rugamba. Amateka yiwe

lundi 2 Ruheshi 2014

Uwahora ari kizigenza w’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba Nahayo Valery yashikirije uburongozi bw’umurwi. Impamvu si iyindi, Valery Nahayo agiye mu bakukuruke, imyaka yamuremereye.

Valery Nahayo yaraye ashikirije uburongozi bwa kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, yanamenyesheje kandi ko avuye no muri uwo murwi. Uwo mukinyi yari amaze imyaka 12 akinira umurwi nserukiragihugu, yabitangaje ku murongo wiwe wa "Facebook", ni inyuma kandi yaho yari yaherekeje Intamba mu Rugamba mu gihugu ca Botswana aho Intamba zatsindiwe.

Uwo mukinyi yanditse ati : "Bakunzi banje, nagira ndabamenyesheko uno munsi ndangije, inyuma y’imyaka 12 ngwanira ibendera y’Uburundi, ndakukurutse ndasezeye umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba. Nararyohewe cane ndiko nkinira igihugu c’amavukiro yanje n’umutima ukeye, kandi sinzigera nidoga. Ndashima cane abo bose bamfashe mu mugongo igihe nari kizigenza w’Intamba, nzokumbura umurwi, ariko ndipfurije kazoza keza abasigaye".

Amateka yiwe :

Valery Nahayo yatanguye gukina mu murwi Atomic FC mu mwaka w’2001. Mu nkino 12 yakinye muri uwo murwi, uwo mukinyi w’inyuma nta gitsindo yigeze yinjiza. Mu mwaka w’2002-2003 yakina muri Muzinga, mu nkino 51 yinjije ibitsindo 4. Kuva mu mwaka w’2004-2008, Valery batazira kandi Twite yakina muri Jomo Cosmos yo muri Afrika y’epfo.

Mu mwaka w’2008-2011, yakina muri Kaizes Chiefs yo muri Afrika y’epfo, yakinye inkino 43 n’ibitsindo 2. Kuva mu mwaka w’2011 gushika ubu akina mu murwi KAA La Gantoise wo mu Bubirigi, akaba ari umukinyi w’inyuma. Mu nkino 51 muri uwo murwi, yinjije ibitsindo 3.

Kuva mu mwaka w’2003 yari mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, yakinye inkino zikomakomeye zo mu Burundi no mu makungu 16 yinjiza igitsindo kimwe gusa.

Vallery Nahayo yavutse kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 1984, arubatse afise abana 3. Umuhungu wiwe w’imfura akaba yaratanguye kwitegurira gushinga ikirenge muca se, kuko asanzwe yimenyereza umupira w’amaguru mw’ishure ryo mu Bubirigi


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Valery warakoze cane ku kuntu witanze mu kugwanira igihugu cacu Abarundi turakwishimiye cane bivuye ku mutima Imana irushirize kuguhezagira ku bikorwa wadukoreye kandi natwe ntituzigera tukwibagira.

  • Igire amahoro,wa ntwari y’igihugu cacu,

    Ariko,ntuze wibagire gucira umugani barumuna bawe usize inyuma.
    Eka mbere ukanaterera ivyiyumviro vyotuma intamba ziba rurangiranwa mu makungu.

    Ndakwipfurije kuroranirwa,muri vyose.

  • ko umuhungu yatanguye gukina nomumurwi nserukira g ighugu Intamba murugamba uramuduha agusigarire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.