Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica

Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica

samedi 24 Rusama 2014

Umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za amerika aherutse gufatwa n’igipolisi c’inyamiramabi kimwagiriza icaha co kwica umugore wiwe. Michael Jace ntahakana icaha.

Nk’uko amakuru atangwa n’ikinyamakuru People co muri Reta zunze ubumwe za Amerika kibivuga, umukinyi w’amareresi Michael Jace yarashe amasasu menshi umugore wiwe April Jace w’imyaka 40. Yaciye yihamagarira wenyene igipolisi. Niko gusanga ikiziga c’uwo mugore carashwe amasasu menshi.
Amakuru yavuye mw’itohoza yemeza ko April Jace yari yamye gutembera n’abana, basiga Michael wenyene muhira. Uwo mugore atahutse yoba yavuganye nabi n’umugabo wiwe ari nakwo kumesukako amasasu menshi agaca yitaba Imana ubwo nyene.

Mwomenya ko uwo yishe umugore wiwe, Michael Jace, ari umukinyi w’amareresi azwi cane mw’ireresi "Planete de Singes" n’ayandi mareresi bita "series Policieres"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Usanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.