IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi w’umupira w’amaguru yigenjeje nabi yarahawe agashimwe

Umukinyi w’umupira w’amaguru yigenjeje nabi yarahawe agashimwe

mercredi 9 Nzero 2013

Umukinyi Issam Jemaa ava mu gihugu ca Algerie yarahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje nabi mu mwaka uheze wa 2012 , uwo mu kinyi akaba akina mw’ihiganwa ry’igihugu ca Koweit «Koweit Soccer».

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi Fifa ryaratanze agashimwe k’umukinyi Issam Jemaa yigenjeje nabi mu mwaka wa 2012, mu gihe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu mwaka wa 2012 kahawe umukinyi Lionel Messi akinira umurwi wa FC Barcelone wo mu gihugu ca Espagne.

Mu gihe rero umukinyi Lionel yigenjeje neza yaronse umupira w’inzahabu«Ballon d’or»,umukinyi Isaam Jemaa yigenjeje nabi yaronse umupira wa Plomb.Umukinyi Jemaa rero akaba yatowe ku majwi 728 y’abatoye.

Twobibutsa ko ako gashimwe katanzwe ku ncuro ya 10.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.