Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi wa Afrika yatowe na BBC uno mwaka yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi wa Afrika yatowe na BBC uno mwaka yamenyekanye

Umukinyi wa Afrika yatowe na BBC uno mwaka yamenyekanye

mardi 3 Kigarama 2013

Umukinyi wo hagati w’umurwi wo mu Bwongereza Manchester City, Yaya Toure niwe yatowe nk’umukinyi wa Afrika w’uno mwaka w’2013 mu matora yakoreshejwe n’uruganda rw’insamirizi n’imboneshakure yo mu Bwongereza BBC.

Yaya w’imyaka 30, akoreye mu ngata Christopher Katongo ava mu gihugu ca Zambiya yari yatwaye ico kibanza mu mwaka w’2012. Toure aciye ku bandi bakinyi bariko bahiganirwa ico kibanza, ni nka Pierre-Emerick Aubameyang, Victor Moses, John Mikel Obi na Jonathan Pitroipa. Uwo yahoze akinira umurwi wa Monaco mu mwaka w’2006-2007, n’umurwi wa FC Barcelone mu mwaka w’2007-2010, yari amaze kuja rutonde rw’abatorwa incuro zitanu ariko ntiyigeze atorwa mu kibanza ca mbere.

Mu mwaka w’2013, nta gashimwe na kamwe yigeze aronka, eko no mu murwi wa Manchester City, ariko twibuke ko mu mwaka w’2012 yahawe ibakwe ryo kuba umukinyi wa mbere wo mu Bwongereza. Mu gihugu c’amavukiro yiwe ca Côte d’ivoire nta gashimweararonkayo, naho ico gihugu camaze kwandikwa mu bizohiganirwa igikombe c’isi yose mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’ 2014, mu gihugu ca Brésil.
Yaya Toure, n’umunezero mwinshi ati : « Birahimbaye cane kubona hariho abakinyi bo muri Afrika bazwi cane n’amakungu nk’abakinyi b’ibihangange nka Aubameyang, Pitroipa, Mikel, Moses, Salomon Kalou, Gervinho ». Arongera akavuga ko umupira w’amaguru wa Afrika uriko uratera imbere cane.

Ako gashimwe k’umukinyi wa Afrika katangujwe mu mwaka w’2000 n’insamirizi n’imboneshakure yo mu Bwongereza BBC. Umukinyi wa mbere yakaronkejwe ni Didier Drogba nawe nyene ava mu guhugu ca Côte d’Ivoire. Ico gihe mu gutorwa vyavuye ku butumwa bwanditse kuri za ngendananwa, canke biciye ku muhora ngurukanabumenyi (e-mail). Mu matora Yaya Toure yaraye atowemwo, BBC yatoye abahinga muvy’umupira w’amaguru bo muri Afrika 44, kugira batore bisunze ubuhinga bw’umukinyi, ubwenge, ubwitonzi, n’ukwitwara neza mu nkino.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbaye ndasaba abakunzi b’abategetsi kutababazwa n’ivyiyumviro/amajambo ngire ntange ku bivurwa aha mu Burundi ngereranije Yaya Toure yatowe na BBC nk’umukinyi wa Afrika w’uno mwaka w’2013. Amatora ni uko yagenze.., Yaya Toure akina neza. Ndavye rero ukuntu akina hagati y’ikibuga, muri Afrika ni No.1. Hama ino iwacu ku bijanye na politike n’aho igez’ubu, Agathon Rwasa qui me semble politiquement plus centriste ndamugereranya na Yaya Toure. Tuvuze umunyepolitike de l’opposition kandi akomeye anazwi, none si Agathon Rwasa? Binasubiye, dor’amatwi ya Agathon Rwasa na Yaya Toure, ni amwe. Hasigaye kumenya ahubwo ko Agathon Rwasa ashobora gukina umupira w’amaguru co kimwe na Pierre Nkurunziza; tous les deux originaires de Ngozi.

  • Wa muntu wiyita Coldan, Zi, iyo wabuze iciyumviro uterera ba winumira hako uza kuyayata ngaho wandikaibitagira umutwe namaguru. Usa n, ikijuju.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.