Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukinyi Zinedine Zidane yahanuye Yoann Gourcuff kuja mu mugwi Atletico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Zinedine Zidane yahanuye Yoann Gourcuff kuja mu mugwi Atletico (...)

Umukinyi Zinedine Zidane yahanuye Yoann Gourcuff kuja mu mugwi Atletico Madrid

lundi 28 Nzero 2013

Nikola Franco yaragiye kwirabira urukino rwahuje umurwi wa Lyon n’umugwi wa Valenciennes mu ntumbero yo kwihweza ingene umukinyi Yoann Gourcuff akina mu ntumbero yo k’umutwara mu mugwi wa Atletico naho nyene uwo munsi yasanze uwo mukinyi ari ku ntebe y’abasubirira.

Nk’uko Nikola Franco yabimenyesheje ,ngo umugwi Atletico uritayeho kandi uripfuza umukinyi Yoann Gourcuff,umukinyi akina hagati w’umufaransa naho nyene mu rukino rwahuje umugwi wa Lyon Na Valenciennes umugwi wa Lyon ugatsinda ibitsindo 2 k’ubusa uwo mukinyi yari yagumijwe k’untebe y’abasubirira.Ngo ivyo vyerekana ko umugwi wa Lyon utacitayeho umukinyi Yoann Gourcuff.

Ivyo biri ukwo mu gihe abarongoye umugwi wa Lyon bobo bavuga ko ivyo kugenda mu mugwi wa Atletico ari ibintu bategerezwa kuganirako, kuko umukinyi Gourcuff ari umukinyi akomeye kandi ko adashobora kuva mu mugwi wa Lyon kuko bakeneye umugwi ukomeye uzoshobora guhangana na Tottenham hamwe n’iyindi migwi yo mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’u Bufaransa.

Ikinyamakuru AS co mu gihugu caa Espagne cemeza ko vyose bishoboka ku mugwi wa Atletico kuko mbere n’umuntu azwi cane yabigiyemwo.Uwo nawe akaba ari uwahoze ari umukinyi Zinedine Zidane.Nikola Franco yamenyesheje ko Yoann Gourcuff na Zidane baganiriye kuri terefone aho Zidane yamuhaye impanuro amumenyesha ko kuja mu mugwi wa Atletico ari iciyumviro ciza kuri we muri kino gihe.

Abatari bake rero bakaba bibaza ingaruka izo mpanuro za Zidane zishobora kugira k’umukinyi Yoann Gourcuff ku bijanye no gucagura umugwi Gourcuff ashobora gukinira.

Tubibutse ko umukinyi Zinedine Zidane yabiciye bigacika akinira umugwi nserukiragihugu w’u Bufaransa mu mwaka w’1998 aho watwara igikombe c’isi yose mw’ihiganwa ryabereye m’u Bufaransa.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.