Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa wa Barack Obama, umwe mu bana 16 bageze ku ntambwe ishimishije (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukobwa wa Barack Obama, umwe mu bana 16 bageze ku ntambwe ishimishije (...)

Umukobwa wa Barack Obama, umwe mu bana 16 bageze ku ntambwe ishimishije kw’isi

mardi 19 Munyonyo 2013

Muri abo bana 16 bageze ku ntambwe ishimishije, bamwe n’abaririmvyi, abanditsi, abanonotsi, canke abanyeporitike. Abo rero baramaze kugira ico bashitseko.

Ikinyamakuru Times, casohoye urutonde rw’abana bafise minsi y’imyaka 20, kandi biboneka ko bakiri abana ariko bamaze gukora ibitangaza. Abo bana 16, atagihindutse bari mu bantu bazoba bazwi cane muri kazoza k’isi. N’abahungu n’abakobwa, batowe mu mpande zose z’isi, bafise imyaka irihagati y’imyaka 14-19, ico bahuriyeko n’uko babonwamwo ubuhinga butangaje.

Urutonde n’uku rumeze :

1.Lorde

Ni umuririmvyi, afise imyaka 17 aturuka mu gihugu ca Nouvelle Zelande. Uwo muririmvyi azwi cane cane ku rukwirikirane Pure Heroine, yaciye amenyekana cane kw’ijwi ryiwe ico gihe yaciye ahabwa agashimwe n’uwurongoye igisagara ca New York.

2. Lydia Ko

Afise imyaka 16 aturuka mu gihugu ca Koreya y’Epfo. Ni umukinyi wa Golf, aheruka gutsindira ihiganwa ry’abakinyi bu buhinga muri golf bamwe bita aba professionnel, yaronse ikibanza ca 5, yabaye rero umukinyi wa mbere w’imyaka mike ashoboye kuja muri ico kibanza.

3. Nick D’Aloisio

Afise imyaka 17 aturuka mu gihugu ca Australiya. Uwurongoye umuhora wa Yahoo, Marissa Mayer, yaguze kuri uwo mwana ikintu bakoresha kugira bagabanye inzandiko « Summly »ku ma dolari imiliyoni 30.

4. Missy Franklin

Afise imyaka 17 aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Uwo mukobwa asiganwa mu kwoga, yaronse imidari y’inzahabu 6 mu mahiganwa bita Jeux Olympiques yo mu mwaka wa 2012. Asanzwe ari n’umugenzi wa Justin Bieber.

5. na 6. Kendall

Afise imyaka 18 na Kylie Jenner w’imyaka 16 bose bava muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Bazwi cane kubera umuryango bavukamwo, ni batoyi ba Kardashian, abo nabo baciye bikorera umuderi mushasha w’impuzu.

7. Dante de Blasio

Afise imyaka 16, aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe na Amerika. Se wiwe aherutse gutorwa kuba umurongozi w’igisagara ca New York, Dante nawe yaciye atorwa nk’umuhungu wa mbere agezweho yambara neza.

8. Malala Yousafzai

Afise imyaka 16 aturuka mu gihugu ca Pakistani. Malala yaravuzwe cane uno mwaka w’ 2013 kubera umwete n’inguvu yakoranye mu guharanira cane ubwigenge bw’ivyiyumviro mu gitabo yanditse, aho yavuga ukuntu yahatswe kugandagurwa n’abarwanyi b’intagondwa z’abatalibani ico gihe yaciye ahabwa agashimwe.

9. Kiernan Shipka

Afise imyaka 14 aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Uwo mukobwa abonwa k’inyenyeri nshasha y’i Hollywood, mw’ireresi yakinye afise imyaka 6 Mad Men yabonetse ko afise kazoza mu bijanye n’amareresi.

10. Ionut Budisteanu

Afise imyaka 19 ava mu gihugu ca Roumaniya. Uwo muhungu yakoze imodoka yijana ata mushoferi, yatumye aronka agashimwe k’umuhinga wa mbere w’incabwenge kuri iyo myaka, yaronkejwe ama dolari 75.000

11. Malia Obama

Afise imyaka 15 aturuka mu gihugu ca reta zunze Ubumwe z’Amerika. Imfura ya Barack Obama. Se wiwe yemeza ko umukobwa wiwe afise ivyiyumviro vya poritike kandi yoba afise porike muri we, kuko aguma ayivuga. Abandanya avuga ko abakobwa biwe bamubaza ibibazo bikomeye vy’ubuzima bw’igihugu, nk’ibijanye n’abahuza ibitsina babisangiye.

12. Maya Van Wagenen

Afise imyaka 15, aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe Z’Amerika. Nawe bamuvuga ku gitabo yanditse aho ahanura ingene umukobwa yokwambara kugira amenywe na benshi. Ico gitabo caguzwe imiliyoni n’imiliyoni z’amadolari.

13. Justin Bieber

Afise imyaka 19 aturuka mu gihugu ca Canada. Justin ntiyatowe nk’umuririmvyi, kuko afise amakosa menshi mu kibano, gusa n’ubutunzi burenze afise. Amatungo yiwe agereranywa mu miliyoni 55 z’amadolari, kandi aguma agira ibitangaza imbere y’abakunzi biwe.

14. Beth Reekles

Afise imyaka 17 aturuka mu gihugu ca Grande Bretagne. Kubera gukunda imigani y’imizimu canke y’amabingira, yaciye nawe yiyumvira kwandika igitabo kijanye n’ivyo, citwa La boîte à bisous cagurishijwe ibitabo vyaco imiliyoni 19. Uwo mwana agomba no gukwirikirana ivyigwa vya Physique muri kaminuza.

15. Chloë Moretz

Afise imyaka 16 aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Ukuntu yabonetse mw’ireresi « Carrie », vyerekanye ko agiye kuba umukinyi w’amareresi w’akarorero w’i Hollywood.

16. Hailee Steinfeld

Afise imyaka 16, aturuka mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. Mu mwaka w’2010, yakinye kw’izina rya Mattie Ross, umwe mu bakinye neza mw’ireresiTrue Grit.

Muri abo bana harwiriyemwo abo muri Reta zunzubumwe z’Amerika. Abafaransa bati tukabura n’umwe?


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Harageze ko abana(10-18ans) b’abarundi bagarukirwa mu nyifato zabo nziza zituma bashimwa mu kuja mu mahiganwa atandukanye, hisunzw’ivyo bazi kandi banonosoye, benegihugu tukaja tumenya imboneza/STAR. Kumbure n’igihugu cacu c’u Burundi kizomenyekana kurusha-kurata ico uzi n’ico wotorera. Ni n’ako kamaro demokarasi imaze mu gihugu no ku beneco. Nkabona ko kugire bishikweko kandi bitagoranye, umuryango wose ukwiriye kuva hasi witwararike indero z’urwaruka rwayo. Hambavu y’ivyirwa n’ibikorwa mbumbarugo, urwaruka rwofashwa dans leurs occupations particulieres ata mwanya bataye. De 18 a 25ans, u Burundi buzoba bufise urwaruka rukerebutse kandi ruzi ico rugomba gushika ko. Bati "nta mwuga udakiza kiretse uwo kwica", ni ngombwa ko akarorero k’aba bana bagiye baba rurangiranwa mu bihugu vyabo, n’aho ari abana b’abatunzi, kotubera icirwa. Ni n’uko u Burundi buzoba buriko burubakwa, cane cane mu gukingir’urwaruka ntirujanwe n’inyifato z’abigira abanyepolitike kandi baharanir’inyungu zabo. Nkasaba benegihugu, bishobotse na Leta, bashigikira iki ciyumviro hama umwaka w’2014 witirirwe EXCELLENCE/ STAR BURUNDI. Ni muri iyo ntumbero nibaza ko tworondera bishasha mu kuvavanura n’inyifato zishaje maze ikintu cose, haba iminsi mikuru itandukanye canke ubugeni etc..., bitegurwe neza kandi bifise inyigisho biha abandi. Na rirya turi muri demokarasi, abazoshaka kuja mw’ihiganwa/hayanisho, baronke akaryo ko kumenya amanota bafise mu gutumir’abazoba batowe guhagarikira iryo hayanishoijejwe. Eh natwe, .....none?

  • Et Jonathan!!! vous l’avez oublié? ntimumbaze? Ngo il est géni et il aime les travaux communautaires avec son Papa. Niko yavuze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.