Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa wa mbere muremure kw’isi afise imetero 2,06 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukobwa wa mbere muremure kw’isi afise imetero 2,06

Umukobwa wa mbere muremure kw’isi afise imetero 2,06

vendredi 4 Nzero 2013

Igihugu ca Bresil kirazwi kw’isi yose bivuye ku bikorwa bikorerwayo.Ico gihugu kirazwi cane mu rukino rw’umupira w’amaguru kuko abakinyi bavayo bakunda gukora ibitangaza. Ubu naho habonetseyo umukobwa wa mbere muremure kw’isi yose.

Uwo mukobwa yitwa Elisany da Cruz Silva ava mu gihugu ca Bresil akaba ariwe yatanzwe nk’umukobwa wa mbere muremure kw’isi yose. Ku myaka 17 y’amavuka n’imetero 2,06 z’uburebure akaba nawe nyene akunzwe nk’abandi bigeme bose.

Bivuye ku nkabuzo zituma umuntu aba muremure zitakoze uko zategerezwa gukora,uwo mwigeme yabaye uwa mbere muremure kw’isi yose.Igihe yari afise imyaka 11 ,Elisany yakura gusumba abandi bose bo mu muryango iwabo. Ku myaka 15,uwo mukobwa yaragiye mu bitaro kugira bamubage bongere bahagarike ukwo yariko arakura ariko ntaco vyashitseko kuko yagabanutse isantimetero imwe gusa kandi aguma abandanya gukura.

Kuko rero yaguma avurwa kw’ishuri yaciye ahitamwo guhagarika amashuri ivyo mbere akaba yabifashijwemwo n’umuhungu w’umugenzi wiwe Francinaldo da Silva Carvalho w’imyaka 22,akaba yamukunze atibajije n’ibibazo vyo kumenya uko azokwishura abagenzi biwe bamubajije uburyo akoresha mu kumurwa munda mu gihe wewe ari mugufi.Francinaldo akaba yavuze ko igihe cose ushitsemwo uca umenya ingene wifata.

JPEG - 18 ko

Elisany wewe avuga ko uburebure bwiwe ataho buhuriye n’urukundo ngo kuko iyaba biri ukwo aba yarondeye umuhungu afise uburebure nkubwo afise.Rero ngo yakunze Francinaldo afatiye kuco ari,ku myifato yiwe imbere y’abandi n’imbere ya Elisany.Ariko ngo ikintu gikunda kumugora ni igihe baba bariko baratembera bafatanye amaboko.


Grâce Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.