Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukozi wa FIFA yagirijwe ubunyonyezi bw’imiriyoni 70 z’amanyaburaya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukozi wa FIFA yagirijwe ubunyonyezi bw’imiriyoni 70 z’amanyaburaya

Umukozi wa FIFA yagirijwe ubunyonyezi bw’imiriyoni 70 z’amanyaburaya

samedi 5 Mukakaro 2014

Ubunyonyezi budasanzwe bw’amafaranga agera ku miriyoni 70 z’amanyaburaya bwibonekeje mu nkino z’umupira w’isi yose, umwe mu bakozi ba FIFA batunganije izo nkino akaba mubakekwako ubwo bunyonyezi.

Ubunyonyezi buciye ku matike yo kwinjira ya magendu mu nkino z’umupira w’amaguru w’isi yose, bivurwa ko atari ubwa mbere bubaye, ariko uno mwaka, bukaba bwibonekejemwo abantu batari bitezwe ko bobikoze.
Abari mu mashirahamwe y’inkino z’umupira w’amaguru bo gihugu ca Brezil, ahariko habera inkino z’isi yose, abanya Argentine, abanya Espagne hamwe n’abo muri FIFA akaba aribo bagirijwe kuba bari muri ubwo bunyonezi uno mwaka.

Ikinyamakuru O’Dia kimenyesha ko abagize amatohoza kuri ubwo bunyonyezi bw’amafaranga agera ku miriyoni 70 z’amanyaburaya bamenyesha ko ubunyonyezi bwibonekeje mu nkino z’isi yose muri uno mwaka w’2014, bikavugwa ko umunya Algeriya afise amamuko yo mu Bufaransa, azwi kw’izina rya Mahamadou Lamine Fofana wo muri FIFA, ariwe akekwa kuba ariwe ari hejuru muri ubwo bunyonyezi.

Uwundi muntu yaketswe kuba ari muri ubwo bunyonyezi, ni murumuna akaba n’umwe mu bacungera umutekano wa Ronaldinho.
Izo tike zivurwa ko ari za magendu ni izari zatanzwe n’ishirahamwe FIFA kubo basanzwe bafashanya (partenaires), ku yandi mashirahamwe y’umupira w’amaguru, ku mashirahamwe mpuzamukungu ya ONU, n’ayandi. Zagurishwa ku giciro c’amafaranga y’amanyaburaya agera ku 1000. Ku munsi ku munsi hakaba hasohoka izigera ku 1 000, ivyo bikaba vyatuma abagira ubunyonyezi bahungukira gose.

Mwomenya ko gushika ubu ishirahamwe FIFA ataco riravuga kuri ubwo bunyonyezi bwaraye bwibonekeje. Bikavurwa ariko ko ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ari inkino zigiyemwo ubunyonyezi burimwo n’ibiturire bidasanzwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.