Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu ca Zambia yarabiye mu bantu isinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’igihugu ca Zambia yarabiye mu bantu isinzi

Umukuru w’igihugu ca Zambia yarabiye mu bantu isinzi

lundi 9 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Zambiya yararavye ku munsi w’Imana ari mu birori vyo guhimbaza umunsi mukuru waharariwe umukenyezi .

Uwo mukuru w’igihugu yaciye ajanwa ubutarariye mu bitaro vy’igisoda vyaho muri Zambiya . Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, bivuga ko yariko ku miti y’indwara ya Malariya. Uwo mukuru w’igihugu we yatanze insiguro ko ivyo vyabaye akaraba, kuko yarakeneye akaruhuko kuko yararushe gose.

Mu nyuma rero ahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yarari mubitaro, yabwiye abaraho ko akeneye gutaha muhira vyihutirwa. Abaganga barakoze ibipimo vyose bakaba basanze ari indwara ya Malaria. Lungu umukuru w’igihugu ca Zambie, yashitse ku butegetsi mu kwezi kwa Nzero inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Maichael Sata. Ibihuha vyinshi bikaba vyagiye bivuga ko amagara yiwe yarameze nabi cane ariko Reta yoyo yaguma ibihakana.

Mu myaka itandatu gusa, hakaba hitavye Imana abakuru b’ibihugu babiri bakiri ku butegetsi. Abenshi bakaba babaza nimba ababashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, babanza kwipimisha bakaraba nimba baba bashoboye kuzorangura amabanga bashinzwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.