Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’inama nshingamateka muri Libiya yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’inama nshingamateka muri Libiya yatanze imihoho

Umukuru w’inama nshingamateka muri Libiya yatanze imihoho

mercredi 29 Rusama 2013

Inyuma yo gutora itegeko rikura ku butegetsi abahoze bakorana n’intwaro ya Mouammar Kaddafi, itegeko rishobora gutuma n’abandi bategetsi ba Libiya bava ku ntwaro, Mohamed el-Megaryey, umukuru w’inama nshingamateka yaratanze imihoho kuri uyu wa gatatu wa 28 Rusama 2013.

Rimwe na rimwe itegeko usanga rigoye, mugabo riguma ari itegeko. Kuva igenekerezo rya 5 Rusama 2013, hari itegeko ririko ririgwa rishirwe mu ngiro igenekerezo rya 5 Ruhenshi 2013. Iryo tegeko rigafata abo bose bahoze bakorana n’intwaro ya Kaddafi ari naho Mohamed el-Megaryey yaciye afata ingingo ko kwikura ku butegetsi kugira n’abandi babonereho.

Mu 1980, Mohamed Megaryey yari yabaye uwuserukira igihugu ca Libiya mu Buhindi imbere yuko yiyonkora izuba riva mu mugabwe wari ku butegetsi agakurikira abatavuga rumwe na Leta y’ico gihe, avuga ko aruhijwe no gukorera Leta ata nyungu aharonkera.

Uwo mukuru w’inama nshingamateka w’igihugu ca Libiya agiye gutanga imihoho mu mabanga yarajejwe mu gihe hari hasigaye imisi mike umukuru w’igihugu ca Libiya mushasha atorwe.

Bamwe mu banyamategeko n’abanyepolitique ntibashimye iryo tegeko ryatowe, kubwabo, iryo tegeko rirenganya abagwaniye igihugu mu kurwanya intwaro yahahora n’ubwo bakirwaniye akanya gato.

Mohamed Megaryey yari yatowe mu kwezi Myandagaro mu matora y’i 2002. Akaba yavukiye i Benghazi mu mwaka w’1940, amara imyaka 31 mu buhungiro, muriyo, 20 yari impunzi ya politike muri Leta nzunze ubumwe za Amerika imbere y’uko asubira mu gihugu ciwe ashikiye mu mishamirano yatumye n’intwaro ya Kaddafi ivaho. Afise urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’ubutunzi aho mbere yayaminurije ubwa nyuma muvyo bita «Doctorat » mu gihugu ca Grande-Bretagne.

Amaze gushinga umugambwe ari kumwe n’abanywanyi biwe, yaramenyekanye cane mu gushaka gukombora ubutegetsi ku wahoze atwara igihugu ca Libiya.
Kubw’umushingamateka Abdallah al-Gamati, nta muntu asigaye mu nama nshingamateka ameze nka Magaryef azoshobora kumusubirira. Ivyo bigashobora gutuma hazoba inkurikizi zitari nke zikanahungabanya n’ikiringo mfatakibanza. Ivyo bikamenyeshwa n’ikinyamakuru AFP.

Tarek Mitri, arongoye ishirahamwe mpuzamakungu muri Libiya, aragaya itegeko rishobora kubuza inzego za Leta za bamwe bafise ubumenyi n’uburambe kuva ku butegetsi kuko bitazokworoha kuronka abandi bameze nk’abo bobasubirira.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.