Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru wa al-Qaida yavuze ko batemera umuhari Etat islamique - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru wa al-Qaida yavuze ko batemera umuhari Etat islamique

Umukuru wa al-Qaida yavuze ko batemera umuhari Etat islamique

lundi 14 Nyakanga 2015

Umukuru w’umuhari Al-Qaida Ayman al-Zawahiri amenyesha ko mu muhari al-Qaida batazi umurwi uvuga ko wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam Etat islamique.

Mu butumwa yatanze bwamaze hafi isaha,Ayman al-Zawahiri yaneguye umurwi Etat Islamique aca ahamagarira abayoboke b’idini rya islam kugira ibitero ku bihugu bishigikiye umurwi Etat islamique bikorera mu gihugu ca Siriya na Irak.

Ayman al-Zawahiri amenyesha ko Reta igomba gushingwa mu gihugu ca Irak igomba gushingwa ku nguvu,agatera ivyatsi kandi urupfu rwa Peter Kasig umwongereza yanyurujwe hanyuma yicwa na Etat islamique yamaze guhinduka umu islam.Avuga ko nimba abanywanyi ba Etat islamique bica abahindutse aba islam badashobora kubashigikira.

Umukuru wa al-Qaida asaba ko abayoboke biwe bokora ibitero ku bihugu vyagiye gufasha muri Siriya na Irak,ivyo navyo ni Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubufaransa.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.