IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukuru wa OLUCOME yagizweko iterabwoba n’umwe mu batware b’igendereza

Umukuru wa OLUCOME yagizweko iterabwoba n’umwe mu batware b’igendereza

samedi 2 Rusama 2015

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yazindutse agirwako iterabwoba n’uwutwara igendereza hagati mu gihugu Bertin Gahungu.

Gabriel Rufyiri umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, iryo terabwoba yagizweko, yariko yagirizwa ko akwiragiza ibirwanisho mu gihugu, co kimwe na Vital Nshimirimana, Pacifique Nininahazwe na Petero Karaveri Mbonimpa, ko bamaze iminsi bari inyuma y’abica, batera ama grenade mu gisagara ca Bujumbura, co kimwe n’ufasha mu kugurira bimwe mu bikoresho abatera ivyo bisasu ntezwaminwe, nk’uko abivuga. Rufyiri yemeza ko amajambo yabwiwe na Bertin Gahungu muri aka gatondo, yari amajambo ateye ubwoba rwose, ari naco asaba ko we n’abandi barundi, bokingirwa umutekano, kuko hari ikintu kiriko kirategurwa atari ciza kuri bo.

Gabriel Rufyiri, akaba ari muri amwe mu mashirahamwe ariko yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Umukuru w’urwo rwego hagati mu gihugu rero akaba yashatse kwagiriza ivyo Gabriel Rufyiri, mu gihe muri komine ya Kamenge abantu batatu harimwo abaporisi 2 n’umunyagihugu umwe bitavye Imana bahitanywe n’igisasu ntezwaminwe, abandi umunani barakomeretse.

JPEG - 75.2 ko
Yeremiya Ngendakumana, yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD, ubu akaba ari umushingamateka muri Afrika y’Ubuseruko

Abagize ico gitero ku muduga warimwo abo baporisi, ntanumwe yabonye iyo banyikiye, muri abo bapfuye harimwo uwo bita commandant zone Ntakarutimana Jean Marie, hamwe n’uwari arongoye abariko bakurikirana uko umutekano wifashe Nkurunziza Vincent. Ubwicanyi buriko buraba mu gihugu, aho abantu bicwa n’abafise ibirwanisho, umukuru w’igihugu niwe azobibazwa ubwa mbere, nk’uko bivugwa na Yeremiya Ngendakumana, yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD, ubu akaba ari umushingamateka muri Afrika y’Ubuseruko. Avuga ko umukuru w’igihugu ariwe ajejwe gufata iya mbere mw’ifatwa ry’ingingo z’ukwo ibirwanisho biva mu banyagihugu.

Tukabamenyesha ko kuva hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza, ata joro ryijana hadapfuye umuntu. Bamwe bicwa barashwe n’abaporisi hamwe n’abakorera urwego rw’igendereza, abandi nabo bakicwa n’abantu bataramenyekana, nk’ivyo vyashitse mu Kamenge, aho hateye abantu batigeze bafatwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko wewe ga RUFYIRI ntaravye ubwoko bwawe canke ibindi ndakubajije woba uri mubakunda igihugu?????Ugikunda naho wombarira ingene uhamagarira abana babandi mwibarabara rwawe bari muri pousipousi I Buraya?????Abarundi utanka bagakurikira numwana atazi ico mandate kivuga mwibarabara ataranagera no gutora????Uwaguteye ubwoba yakoze ikisa caaane ndamugaye kuko ingero ukwiye kugererwa siyo guterwa ubwoba,ndavye ivyo wakoze????
    Ariko ntakibazo Imana irahari harya ushakako haja abana babandi nawe barashobora kujayo utavyiteze kuko ntiruhungwa.

  • ariko ga rufyiri ko muviga ngo ntimuharanira ivyicaro vya politike nkawe uwokugira umukuru wigihugu ntaco wotwara?uri umuntu akoreshwa namashitani...ubunyene mukomeze guhenda abantu abana babandi bicwe bazira ubwo buswa bwanyu..nukuri nimana imbabarirr wewe icokumpa nokubaza imeza yanje nahora ndandarizako lengalenga mu Nyakabiga mwaturiye ngo muzibira ibirabara.mwabagizi banabi gusaaa.

  • Ivyo Bintu N’ubugesera Mu Gihugu Gitwarwa N’umukuru W’igihugu Avuga Ko Yubaha Imana.MBEGA YOBA YUBAHA IMANA KOKO? MUMBARIZE

  • Rufyiri Ahubwo Ubwo Bwoba Wambaye Bunaboneke N,ivyaha Mwakoze Vyagahomera Bunwa Mwahora Muvuga Ngo Ntavya Politike Muharanira Ubu Muruhanga Wanditseko IKIBIRI Wacikoreye Ubumukokayi Wabaza Murico Usigaye Urutwa Na Rwasa Yari Yonse Mw-ibere Kwurwany,abatutsi Ariko Warumvise Ko Atagushigikiye Kuja Mw,ibara Novuga Vyinshi Ba Ceusi

  • Mbega kuva aho mwavugiy ngo ntimuharanira ivyicaro vya politik, ntiharagera ko mwemanga kwarivyo muharanira? henda abo kumusaga bobo babumvira nayo twebwe twarabamenye. mbega abana banyu ntawurimwo azi gutambuka yoja mw’ibarabara guhabuza iyo democratie muvuga? burakey ivyo vyose muzobibazwa.

  • Mbega abantu mwaragwaye mumitwe!!!!! Mbega muko bibazwa umukuru wigihugu harimyiyerekano yateguye???.? Mbega abateguye iyo myiyerekano bobo nka Pacifique nabandi bobo mubavuga kwiki?

  • Sha nahora numva rupfyiri,ntawe narinzi none uyo ubwoko bwiwe nubuhe,ahubwo muraraba neza ntabe arizanterahamwe bavuga,je mbona atabwoko bwo muburundi nomushiramwo ntari mubatutsi,mubatwa canke mu bahutu puuuuuuuu,sha mwokwisubirako mugaheba ivyimigumuko kuko,uko mubahibirwanisho kose,mumenye nimwabura amahera yo kubagurirurumogi ko directement bizobagarukako,aho ndababuriye ,nivyabarivyo ko uri mubariko batangibigwanisho,bigiye kugukomerana uzozumbwira,,raba mwababwiye ngo hagarika kwica baca barahagarika.Mais wibuke aho wavuye muvyo gucuruzibirato,ntube warataye kakameza,gusa ntuhibagire a la logue we uzosubirayo kuko watayumurongo wa societe civile wigiriye mu vya politique ok

  • mwandike ivyo mushaka vyose rufyiri umwana wimana muzokwama mumubona mponzenzi nabo benewanyu hiiiiiiiiiiiiiiiiiihiiiiiiiii

  • Mwihangan Murek Kuvuga Amajambo Menshi, Imana Niyo Izivyose.

  • « Le pire des analphabètes, c’est l’analphabète politique. Il n’écoute pas, ne parle, ne participe pas aux événements politiques. Il ne connaît pas que le coût de la vie, le prix de haricot et du poisson, le prix de la farine, le loyer, le prix des souliers et des médicaments dépendent des décisions politiques.
    L’analphabète politique est si bête qu’il s’enorgueillit et gonfle la poitrine pour dire qu’il déteste la politique. Il ne sait pas, l’imbécile, que c’est son ignorance politique qui produit la prostituée, l’enfant de la rue, le voleur, le pire de tous les bandits et surtout le politicien malhonnête, menteur et corrompu, qui lèche les pieds des entreprises nationales et internationales. »
    - Bortolt Brecht, poète et dramaturge allemand ( 1898/1956)
    A travers cet extrait, j’espère que vous comprenez pourquoi, sans chercher des postes politiques, un membre de la société civile peut ou mieux encore doit s’intéresser àla politique àmoins qu’il soit un analphabète politique. C’est la même explication pour notamment les églises comme l’église catholique qui a pris position contre le 3ème mandat. Que ces affirmations par rapport àRufyiri et autres cessent.

  • Gabriel Gumya Umutim Munda Uwo Vyankiy Ntabura Uw Vyankan Komeza Muharanir Inez Yigihugu Bigum Cank Vyoroh Inez Izotsinda Ikirusha Imbwa Kwota Kizosha

  • @nzoza yanus
    Ntutwishimeko ashobora kuzimangana si igitandara cibuye,iyo mbwa y’umuhutu yahemutse,ariko usanga gafise imfyisi y’umututsikazi mu nzu!!!!si ko!!

  • IMANA igiraneza kandi igiye kwishura n’uguhoza abarundi bababaye.GOD bless you.

  • Ba Rufyiri Na Pacifike Na Karaveri Barimwo Amahinyu Mugitero Co Mu Cibitoke Ho Kubabazwa Nuko Twari Twatewe Bababajwe Nuko Abaduteye Baguyemwo None Bari Baje Gusiga Amavuta Aburundi?Canke Bababajw N Umugambi Wabo Wanse Ubu Bahinduriye Mumyirekano.Bambay Urusato Rwitama Aramabingira.

  • Aba bantu mbona bishwe n’amacakubiri ndabarahiye mugiye kugira arrêt cardiaque. Ntushobora kugira urwanko nkurwo ngo urambe. Rufyiri uwumwanka amwandureko. Ubwoko bwiwe n’ubw’Imana. C’est tout. Pour ces gens su SNR qui tuent et accusent les autres. On vous connaît aho mwabusya twari munsi y’urujo. Nta muntu mugihenda mushake mube muritegura kugenda. No guhanwa kuko akabi mwakoze canke muriko murakora mutegerezwa kubihanirwa.

  • @kirinyota
    Uti twitegure kugenda,tujahe ko turi mu gihugu cacu,bura gukurikira abanyakirundo na bamwe bari imbere ya USA embassy!Tuzocumbanira harya nyene!

  • Hewe Ntanakimwe Imana Idakoro Ariko Icambere Noherako Niki Umukuruwigihugu Navugishe Abobantu Bahagarike Izo Ntambara Kugira Iryamiryango Yoseyahunze Nabarya Benewacu Nabashikibacu Bagaruke Mugihugu Cabo Imana Yabahaze Barekekugora Abo Duhana Imbibe Kuko Kanatsinda Ntanumurima Bafise Harya baririhose Nibaze Jewe Pieri Nkurunziza Ndamwemera Mugabo Abo .Bafatanije Gutwarandabanka Kubi .

  • Nabasavye Abobantubaphuye Ngaho Ibujumbura Abantu Cumi Nabatatu Ahantunumvango Ninzuntanumwe Asigaye Nimutohozeneza Mukoresheje Watsapu Mucemuduha Inyishu

  • Nabasavye Abobantubaphuye Ngaho Ibujumbura Abantu Cumi Nabatatu Ahantunumvango Ninzuntanumwe Asigaye Nimutohozeneza Mukoresheje Watsapu Mucemuduha Inyishu Kani Nikwiyitarikinye Imwe O1 Yukwindwig O7 Demire Kenze 2015

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.