Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukwe wa Osama Bin Laden yiteguriye kuzocirwa Urubanza i New (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukwe wa Osama Bin Laden yiteguriye kuzocirwa Urubanza i New (...)

Umukwe wa Osama Bin Laden yiteguriye kuzocirwa Urubanza i New York

vendredi 8 Ntwarante 2013

Umukwe wa Osama Bin Laden, yahoze ari umuvugizi w’umugwi al-Qaida, yarafashwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yajenywe mu gisagara ca New York gucirwa urubanza.

Abategetsi ba Departement ya Reta ya Amerika, batangaje ko Sulaiman Abu Ghaith, aza guseruka imbere ya sentare, uno musi ku wa gatanu, ku vyaha vyuko yataguye ari kumwe n’abandi kwica Abanyamerika.

JPEG - 13.7 ko

Peter King, Umudepite w’umurepublika wo mu ntara ya New York yatangaje ejo ku musi wa kane, kw’abakozi b’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA, n’ibiro bijejwe gukurikirana inkozi z’ikibi, FBI, baherutse gufata, mu misi ya vuba Abu Ghaith, mu gihugu ca Jordaniya..

Ikinyamakuru co mu gihugu ca Turkiya catangaje ko Abu Gaith yafashwe, mw’ihoteri, ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara.

Amakuru yatangaje yacitye arungikwa, mu gihugu ca Jordaniya, aho abakozi bajejwe iperereza ba Amerika baciye bamufata.

Abategetsi b’igihugu ca Turkiya, ntaco bavuze kuri iyo nkuru.

Umushikirizamanza kizigenza wa Amerika, Eric Holder, yatangaje kw’ifatwa rya Abu Ghaith, vyerekana ukwiyemeza kwa Amerika, ku vyerekeye gushira imbere y’intahe, abo bose bagize ibitero, mu bisagara vya New York, na Washington, kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda, mu mwaka w’2001.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.