Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jose Mourinho yaciriwe ihadabu kubera gutukana kwiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Jose Mourinho yaciriwe ihadabu kubera gutukana kwiwe

Jose Mourinho yaciriwe ihadabu kubera gutukana kwiwe

vendredi 9 Rusama 2014

José Mourinho amenyereza umurwi wa Chelsea yaciriwe ihadabu kubera yifatiye mu gahanga umuhagarikizi. Aho hari mu gihe umurwi wiwe wa Chelsea waruhejeje gutsindwa n’umurwi wa SunderLand.

Kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza, umurwi wa Chelsea watsindiwe i wabo n’umurwi wa Sunderland ibitsindo 2-1. Uko gutsindwa kwaje inyuma y’inkino 77 zari ziheze umurwi wa Chelsea idatsindirwa ku kibuga cayo. N’agashavu kenshi, urukino ruheze, uwo batazira "The special One" ariwe José Mourinho, aca yifatira mu gahanga Mike Dean yahagarikiye urwo rukino. Yavuze amukekeza ati:"harya uri n’ico wakoze nawe!" n’ayandi majambo batashimye kwandika. Ni ko rero gucibwa ihadabu angana 12.200 y’amafaranga y’amanyaburaya.

Tubibutseko Chelsea ifise ikibanza ca 3 mu mahiganwa yo mu Bwongereza. Ikaba ifise amanota 79, Sunderland yayirahiye ifise ikibanza ca 14 n’amanota 38. Ivyo rero bikaba bishobora kuba ari kimwe muvyoba vyatumye Mourinho aterwa n’agashavu agaheza avuga nabi.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.