IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yarekuwe vy’agateganyo

Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yarekuwe vy’agateganyo

vendredi 19 Kigarama 2014

Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera RPA i Bubanza yahawe umwidegemvyo vy’agateganyo kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kane. Naho yasohotse ibohero rikuru rya Bubanza, Eloge Niyonzima ntarekuriwe kurengana imbibe z’igihugu, canke kwegera ikibuga c’indege.

Inyuma y’iminsi ine apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza, umumenyeshamakuru wa RPA i Bubanza, Eloge Niyonzima yarekuwe vy’agateganyo. Uwo mumenyeshamakuru yari yafashwe ku mutahe wa Rosalie Nahishakiye, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza, yagirizwa ko yagize uruhara mw’ikubitwa ry’Imbonerakure Irakoze Jean de Dieu y’umugambwe CNDD FDD yakubiswe arashaya. Uwo yakubiswe avuga ko yiboneye abamukubise, agashiramwo na Eloge Niyonzima, umumenyeshamakuru wa RPA i Bubanza naho abandi bafashwe bagirizwa gukubita iyo mbonerakure Jean de Dieu Irakoze bemeza ko yakubitiwe mu kabare barimwo bose, ariko Eloge Niyonzima akaba yari yamaze gutaha. Aho mukamenya ko imbonerakure Jean de Dieu Irakoze yakubiswe isaha umunani z’ijoro (2h du matin), mu gihe abari mu kabare bavuga ko umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yatashe isaha zitanu z’ijoro (23h).

JPEG - 45.9 ko
umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera insamirizi RPA (Radio Publique Africaine) mu ntara ya Bubanza

Kuva agifatwa, mw’ishirahamwe UBJ ry’abamenyeshamakuru mu Burundi bariyamirije itotezwa rikorerwa uwo mumenyeshamakuru mu ntara ya Bubanza, rikaba ritari ribaye irya mbere atotezwa, kuko asanzwe afise n’urubanza mu butungane, aho yitwariye abamukubise.

Ingingo y’ukurekura vy’agateganyo uwo mumenyeshamakuru Eloge Niyonzima yafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, ica ishirwa mu ngiro ubwo nyene. Naho uwo mumenyeshamakuru yarekuwe, ntiyahawe uburenganzira bwose, kuko atarekuriwe gusohoka igihugu, n’ukwegera ikibuga c’indege ca Bujumbura. Azotegerezwa kandi kwama yitaba ubutungane uko ukwezi gutashe, hamwe n’igihe cose ubutungane buzoba bwamutumyeko bumukeneye.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.