IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa yagirizwa gusuma urusaku

Umumenyeshamakuru w’umunyarwanda Besabesa yagirizwa gusuma urusaku

jeudi 11 Ruheshi 2015

Inyuma y’iminsi ibiri umumenyeshamakuru Besabesa Mivumbi Etienne akorera Radiyo Izuba n’ikinyamakuru Igihe.com afatiwe mu Burundi,yarashikanywe mw’ibohero rikuru rya Muyinga.Umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Muyinga amwagiriza icaha co gusuma urusaku.

Radio Izuba ikorera mu Ntara y’Iburasirazuba bw’Urwanda, kimwe mu binyamakuru Besabesa akorera, yamenyesheje ko yafashwe ari mu kazi kiwe gasanzwe ko kurondera amakuru,ku bijanye no guhanahana ibidandazwa hagati y’abanyarwanda n’abarundi (Commerce transfrontalier) hafi y’urubibe rw’Urwanda n’Uburundi.

Ku ruhande rw’Uburundi, Besabesa Mivumbi yafatiwe muri Komine Giteranyi, ihana urubibe n’uturere twa Ngoma na Kirehe two mu Rwanda, akaba yari yatumwe inkuru mu Gahara Akarere ka Kirehe.

Igihe Ernest Nduwimana,umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Muyinga yaganira n’umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abongereza BBC,yavuze ko Besabesa n’uwutwara ipikipiki bari kumwe bamaze gushikanwa mw’ibohero rikuru rya Muyinga.

Ernest Nduwimana avuga ko amatohoza yatanguye kugira bamenye nimba vy’ukuri yoba tyari yaje gusuma urusaku.Yavuze ko basanze afise ibikoresho vy’abamenyeshamakuru,harimwi igifata amajwi n’igifata amafoto.

Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Muyinga Nduwimana avuga ko amategeko y’Uburundi abemerera gufata , kuburanisha no gupfunga umuntu wese akoreye icaha ku butaka bw’Uburundi, yaba umurundi canke umunyamahanga.

Besabesa Mivumbi Etienne yafatanywe,n’uwitwa Pacifique Fidélité, bikaba abitegekanijwe ko arenguka imbere y’ubutungane mu minsi itarenga 15.Besabesa agize umunyarwanda wa kane afatiwe muri Komine Giteranyi y’intara ya Muyinga,yagirizwa gusuma urusaku.

Messages

  • MBEGA BATINYA ZANGURUBE KOZIFAWA NGO NIMBONERAKURE?NAKORE NTAMVURIDAHIT AZOVAYO NKASABA NAMWE KO MWORABA NKAKUMWE KWA BOBE NA RUVAKUKI KUKOYARIKUKAZI BANSE KWAYORA AHO BASESHAMARASO YABANABACU KWACNDI BAHAW UBUHUNGIRO NABO URWANDA NIRUBEHOCANE

  • MIVUMBI KOMUMERA URINTWARI PE WABONYA AYA ABA DD BAKORA NAMUTO NTAMUKURU NUKWICAGUFUNGA ABARUNDI ABANYAMAHANGA NDETSE BAKANABÃŽCA ABABIKIRA BISHWA BASHAJE PETER BAZE BAGUHUMIRE MIVUMBI KOMUMERA URINTWARI PE WABONYA AYA ABA DD BAKORA NAMUTO NTAMUKURU NUKWICAGUFUNGA ABARUNDI ABANYAMAHANGA NDETSE BAKANABÃŽCA ABABIKIRA BISHWA BASHAJE PETER BAZE BAGUHUMIRE NABAWE

  • NUKURI BIRATEYE AGAHINDA N’INTUNTU!!! MBEGA YEMWE BARAKENYEYE N’ABARI KUKAZI BAGAFITIYE UBURENGANZIRA NABO BAPFUNGWE?HA!! MURAKIRABA NEZA MW’ABAGABO MWE.!

  • JEWE ICO NOBONA YOPFUMGWA UBUTAGARUKA

  • JEWE ICO NOBONA YOPFUMGWA UBUTAGARUKA URAZI KUNTU BAKUBISE ABARUNDI BAGIYEYO

  • jew ukondambibona nakagayo kuza mugihugu atari iciwabo atruhusha afise

  • nimubafashe murabe uko babayeho jendabazi bansanzeyo narabafashije kugira mumenye ivyabashikiye ubu naratashe nabasizeyo ubuzima bwomwibohero buragoye ntimubatererane kandi muzi ko bari kure yimiryango yabo babaho nabi

  • NAHERE MUGASHO KUKO IVYO YAKOZE NTIBIBAH AHO YASUMYE URUSAKU

  • nimumupfunge imyaka 40 Kuko arafise agasuzuguro nuwokugaya ntiyogusanga kubutanda.

  • Ivyo bintu biteye isoni.Le journaliste est dans la communaute EAC et est Rwandais et ne doit pas avoir de visa pr rentrer sur le territoire burundais et faire son reportage...We procureur ba worosha ibintu....Ntakibi yagize ko aba afise micro na camera ni ibisanzwe..ntaco yaje kw espoinna ...Ibikorwa iyo i Giteranyi twese turabizi may be muri reportage yiwe yotanze ivyiyumviro vyotuma le commerce transfrontalier itera imbere igakora mumategeko...
    So nyakubahwa mureke reka kumutako amashavu reka kumugira incungu yingorane zivuye ku nsaku ziri entre les 2 pays ...Insaku nimbi zitera akabonero

  • Kumenyesha amakuru birafise amategeko umuntu akurikiza. Abamenyeshamakuru ba hano iwacu bagiye mu bice bitandukanye vy igihugu babanza kwimenyekanisha aho bagiye gukorera, abaharongoye barashobora kubemerera gukoreraho nk’ uko bashobora kubankira. None umunyamahanga niwe yopfa Kuja gukora ata burenganzira yaronse??? Mbariza ko umurundi yopfa gushora umutwe mu Rwanda ngo agiye kirondera inkuru ata ruhusha afise!!!!!! Ariko niba urwo ruhusha yari yaruronse bakaba atacerekana ko yariko asuma urusaku aho arera nk ’urubura.

  • HAHA.!! Burya harudutwenza uburundi babonye bwitaha nkumunyamahanga kwinjira atacemezo iyadafatwa kwaruguhomba kubarundi azocirumugani andi

  • HAHA.!! Burya harudutwenza uburundi babonye bwitaha nkumunyamahanga kwinjira atacemezo iyadafatwa kwaruguhomba kubarundi azocirumugani andi

  • NIFUNGE NICI YARI AGIYE GUHIGE

  • Ivyonuvaninbiki Sidatahuye Singuriranenza.Ok?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.