IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru wa RFI na Bonesha FM ariye Noel igira kabiri mu (...)

Umumenyeshamakuru wa RFI na Bonesha FM ariye Noel igira kabiri mu munyororo

mardi 25 Kigarama 2012

Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI mu Burundi na’iradiyo Bonesha FM yagize umunsi mukuru ugira kabiri wa Noel afunzwe. Amaze umwaka urenga ari mw’ibohero ry’intara ya Muramvya yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Urubanza rwiwe ruri mu mwiherero muri sentare yiyungururizo.

Nta numwe, haba mu muryango wiwe canke ku kazi kiwe yari azi ko Hassan Ruvakuki yogize umunsi mukuru ugira kabiri wa Noel afunzwe. Yafashwe mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011, Noel y’uwo mwaka imusanga mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Cankuzo, yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba.

Imanza zitandukanye ziraburanishwa kuva muri sentare nkuru y’intara ya Cankuzo aho yacirirwa umunyororo wo guherayo mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka w’2012. Aho yari amaze kwimurirwa mw’ibohero ry’intara ya Muramvya.

Afashijwe n’abamuburanira, yaragaye urubanza,arunguruza muri sentare isubiramwo imanaza ya Gitega. Aho icizere cari cinshi ko abacamanza bazomurekura agataha kubandanya umwuga wiwe wo gushikiriza amakuru mu rurimi rw’igiswahili.

Urubanza rumaze kwigizwa inyuma akatari gake, yahavuye aburana mu kwezi kwa Nyakanga 2012. Amaradiyo RFI na Bonesha FM bari bizeye ko agiye kurekurwa ntihagire uwundi munsi mukuru urangiza umwaka umusanga afungzwe.

Siko vyagenze. Urubanza rwashizwe mu mwiherero, ruzosomwa italike 8 Nzero 2013. Uretse Noel, n’umunsi mukuru utangura umwaka w’2013 uzomusanga mu mbeho n’agahinda mw’ibohero rya Muramvya.

Ubu hoho icizere kirengako kuko nk’uko yabishikirije akunganirwa n’abashingwamanza biwe, Hassan Ruvakuki ngo yagiye mu gihugu ca Tanzaniya kurondera inkuru nk’uko umwuga wiwe ubimurekurira. Yagiye guha ijambo uwurongoye umugwi w’abarwanyi bari bavuze ko bagiye kugwanya Reta y’u Burundi.

Abatari bake barateye ivyatsi iyo ngendo yo gufunga umunyeshamakuru kandi yakoze akazi kiwe arekurirwa n’ibwirizwa nshingiro co kimwe n’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Umushikiranganji w’umutekano na we nyene yaravuze ko ata migwi y’iterabwoba iriho mu Burundi.

Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ usaba ko ivuka rya Yezu ryobera urumuri ubutungane bukarekura mugenzi wacu Hassan Ruvakuki. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ yaboneyeho akaryo ko gusaba umukenyezi wa Hassan Ruvakuki kwihangana arikumwe n’akana kiwe kavutse se yamaze gufungwa.

kw’ifoto: umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.