Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ukwiyahura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ukwiyahura

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ukwiyahura

mardi 10 Nyakanga 2013

Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 10 Nyakanga, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ukwiyahura.

Ukwiyahura n’inyifato umuntu agira yo kwiyica bivuye ku bintu bimushikiye adashobora kwihanganira. Bishobora kuba bivuye ku ngorane zimushikiye, akisanga ari wenyene, kubura amafaranga, kuba yahebwe n’uwutomutaye, agaca yumva atakamaro ko kubandanya abaho. Ku bw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi yose OMS, abantu bagera ku 3000 nibo biyahura ku munsi,ni ukuvuga ko inyuma y’amasegonda 40, haguma hapfa umuntu, ku mwaka hagapfa abarenga umuriyoni umwe. Mu bitigiri vyakozwe, ku bantu biyahura ku mwaka, abagabo barenga incuro zibiri abakenyezi, ababangamirwa akaba ari abari hagati y’imyaka 30 na 59. Bidahindutse vuba, haharurwa ko mu mwaka wi 2020, hazoba hamaze gupfa abagera k’umuriyoni n’inusu.

Mu Burundi, aho abagera ku 90 kwi 100 ari abakirisu, ukwiyahura ni ikintu kidakorwa cane, kuko bemera ko ukwiyahura ari icaha gihanwa imbere y’ Imana. Ikindi naco, kuva na kera na rindi, abarundi bamye ari abantu bashaka kwubaha Imana n’amabwirizwa yayo. Ku barundi bari bagati y’imyaka 30 na 45 bagizwe kw’itohozwa, benshi bavuze ko iyo umuntu ahuye n’ibimurengera mu buzima, ukwiyahura sikwo kuzana inyishu y’ibibazo umuntu aba akeneye, ari naco gituma atakamaro gahari ko kwiyahura.

Ishirahamwe OMS rifata ukwiyahura nk’ingorane nyamukuru mu gisata c’amagara y’abantu ariko ingorane ishobora gutorerwa inyishu. Uno mwaka, amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gukinga ukwiyahura, akaba yahagurukiye rimwe mu civugo kimwe kivuga " Birihutirwa ko hagira igikozwe" kugira bagarukire ico kibazo c’igize kayoberabahinga kw’isi yose. Bimwe mu vyagaragaye ko biri mubituma abantu biyahura hari, ukuba umuntu afise ingorane zo mu mutwe (uguhahamuka), ingorane zo mu mibano, gutakaza ivyizigiro, canke kwumva utagishaka kubaho, kubura umuntu mwari mufitaniye ubucuti burengeje, kubura uburyo bwo kwikenura, canke amadeni yabaye umurengera, n’ibindi. Ku bantu badashobora kwihanganira ingorane zo mu buzima, nibo baca bahitamwo kwiyahura.

Akenshi, uwugiye kubikora, hari ibimenyetso agaragaza, kuba atakicegera abantu ngo baganire, kugaragaza umubabaro no guta ivyizigiro birengeje, kuba ataco akicitayeho mu bikorwa yahora akora, umubiri wiwe urahinduka, akamera nk’uwutagira inguvu, ntabe agitora itiro, ibiro vyiwe birahindagurika, ntacizere kuriwe aba agifise, aguma yibonamwo urupfu.

Abari mu mashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gukinga ukwiyahura, bagize bati:"ikibazo co kwiyahura, nticega gusa abahinga murivyo, ahubwo abantu bose barahamagariwe guhagurukira rimwe ico kibazo, uno mwaka bakipfuza ko umuntu wese yobona ko ukwyahura ari ikibazo cihutirwa gutorerwa inyishu. Mwokwibuka ko uno mwaka, ubaye umwaka wa 11, kw’isi yose bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ukwiyahura.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.