Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi w’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu wamenyekanye. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umunsi w’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu wamenyekanye.

Umunsi w’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu wamenyekanye.

jeudi 14 Myandagaro 2014

Urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu rwamenyekanye umunsi ruzoberako. Hazoca uwambaye hagati y’imirwi Lydia Ludic Academic na Messager Ngozi yashooye gushika muri ico gice.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 23 Myandagaro, imirwi ya Lydia Ludic Academic na Messager Ngozi izohuza ubwayi mu kurwanira igikombe c’umukuru w’igihugu umwaka w’i 2014. Iyo mirwi yashitse muri ico gice ca nyuma y’inkino zitandukanye yakinye n’iyindi mirwi. Inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma, Lydia Ludic Academic yari yakinye n’umurwi Elephants w’i Bubanza. Urukino ntirworoshe kuko igitsindo c’umurwi Lydia Ludic cabonetse barushe. Ku munota wa 75, umukinyi Jean Claude yaciye yinjiza igitsindo cashikanye uwo murwi mu gice ca nyuma. Umurwi wa Messager Ngozi nawo watsinze Unite FC. Iyo mirwi yatsinze ibona kuronka ubwo burenganzira.

Urukino rwa nyuma ruzobera mu ntara ya Bururi, mu gisagara ca Rumonge, ku kibuga IVYIZIGIRO. Igikombe c’umukuru w’igihugu kizotangwa, ndetse n’ubundi bushimwe butandukanye butangwe.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.