IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umunsi wa 40 w’imyiyerekano wafashwe nk’uwudasanzwe

Umunsi wa 40 w’imyiyerekano wafashwe nk’uwudasanzwe

jeudi 4 Ruheshi 2015

Ku munsi ugira 40 w’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, Pacifque Nininahazwe afata iyo minsi nk’ikintu gikomeye ku bantu bose bemera Imana.

Ku rubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa facebook, yandika ati :’’Inyuma y’iminsi 40 y’amapfungo yo kwisonzesha, haraba ikintu’’. Ku bwiwe rero, avuga ko abagira imyiyerekano bashoboye kurinda abafise ibirwanisho babarasa, nabo bari imbokoboko, bamwe bagapfa, abandi bagakomereka, ariko bakabandanya igikorwa co kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ari ikintu kidasanzwe.

Kuri iri genekerezo rero rya 4 Ruheshi, aho bibuka iyo minsi 40 bari mu myiyerekano, yasavye ko bokwibuka ababo bamaze kuhasiga ubuzima mu myiyerekano, abakomeretse, abapfunzwe, ariko ivyo vyose bikaba bitabaciye inkokora. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE mbere akaba ari umwe mu batunganije iyo myiyerekano, akaba yasavye abo mu myiyerekano kuyigira, bafise amwe mu masanamu y’ababo bamaze kuhasiga ubuzima.

Tukabamenyesha ko kuva iyo myiyerekano itanguye, ibintu bimaze kwononekara ari vyinshi, tutibagiye abahasize ubuzima. Iyo myiyerekano rero, n’ubu ikaba iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura no mu makomine amwe amwe yo mu ntara zo hagati mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Uyu muteramwaku yaje imbere we n’umugore wiwe tukabajya inyuma. Atinya ibarabara yarangiza agashuka abarundi. Abanze atange urugero naho umunwa sibyo bikorwa.

  • Nukuri Abantu Bafise Ubwenge Nibabone Ko Baba Anyepolitike Canke Abo Bababesha Ngo Ntibaharanira Inyungu Za Politique Ko Bayobowe Naba Daimon Umve Umwe Afise Igipolisi N’igisoda Abandi Imisore N’Abagabo N’Abagore N’Abakobwa Izompande Zose Zifise Ivyo Zirwanisha Kandi Kumpande Zose Haramaze Gupfa Abantu Mugabo Ngo Abifatanye Nivy’Imana Ngo Imisi 40 Kubemera Imana Nareke Kubikwega Mwo Imana Kuko Ivyi Burundi Nivyamadiyimo Ntakuri Kurimwo Zab50:16-18-19-20-21 2Kor11-13-14

  • ahubwo bakwiye kuraba ingene boyihagarik kuk ubuzim busigy bugoy mu gisagr kand nabant bakab bamaz kuhsig ubuzm ari bensh. rer yaba nkurunziza cank abatungnij imyiyerkn baj hamw barab ko imyiyerkan yohagarr ahandi bazobur nabo batwar batwar umunyota.

  • Vive pacifique!! Mutabazi, kuvuga neza birakenwe. Un langage comme le tien montre le degré de ta personnalité, sans doute médiocre.

  • Yesu ashimw cane Bantu mwese mwateguy imyiyerekano nashaka ndababwireko 40jrs yimyiyerekano ko atari iyimana kuko mwaraturiye abantu mwarivy ivyabandi mwaraturiy imiduga yabandi mwarabomoy amazu mwarahabuy imitima yabantu imana yaturemy suko ikora kandi ntirwanirwa irirwanirira nkubu iyomuhamagarira abantu tugasenga tukisonzesha tukambara amagunira tukaririra imana nukuri kuruyumusi yarikuba arintsinzi ikomeye kubarundi amademo yose yanka abarundi mukubateza ubukene indwara guhunga gufungwa kwica nibindi vyinshi yarikuba yahuze uburundi urukundi amahoro umunezero vyari gutaha muburundi ndabasabe abasenga dusenge ntamvura idahita iconzi nuko imana idukunda ntizodutererana kandi bizoba kubugombe bwayo tutarinz kwiyahura kuko ivyo iduhavyose biva mubugombe bwayo rero ntidufatany ibintu imana ibatahuz mwizina rya Yesu umwami wacu

  • Ewe mutabazi, ni Pacific atera umwaku wewe uterera iki ? Ko utazi no kuvuga neza, ko utagira n’indero.

  • Abantu barababaye n’intwaro ya petero kuko kurinda baja mumabarabara nuko bakeneye ihinduka ry’intwaro. Reka berekane ikiri k’umutima wabo kuko birababaje kumva abantu bicwa na reta hama munyuma igahakana ubusuma ,itotezwa ,akarenganyo erega nabo bari bafise amaso barabibona noneho reka bakore ivyo bashaka hamareta ibice yonyene none ugira abamaze gupfa bishwe nabande,si reta?bakomere kurugamba kuko igihe bazohamagarwa muri sentare mpuzamakungu bazicuza.

  • Pacifique ni bwengebuke ntamutima afise! Aho ntabona ko arogose ku Mana! Uwo muja iyaba yarazi gusenga aba yarahamagariye abantu mumigumuko? Arekuza ubwirabure!

  • ewe pasfike we amenyo aragutwenga arayawe kutaratubwira umusi tuzokwibukirako baba nyeshute bomurutana nabamwe bomuri kaminuza mbega burya wewe urazi imana urayemera niba ariko biri emera wature kumugaragaro kurumicanyi wonge ubwire abarundi namakungu kwivyukora vyose ubikora muguhisha ubwicanyi wakoreye abavyeyi bari barere kuri lise rutana nakamiza yuburundi unasabe ikigongwe henda abatakuzi umenye ko twe twacitse kwicumu tukihari ubutungane buzokora

  • mbega aho avugango twibuke abacu bapfiriye mumwiyerekano bisigurako tuzoba tumwibukij kugira aronke uburyo bwokubahumekeramwo bongere basubire itoto?kubwiw niho bugera kuko ntamuntu yoba amaze kubona ukuntu turiko dupfira ubusa kandi naw ataharangwa akaba mukudukora munkovu!kubwanje yataba ndumukizwa ndazko nomuriye amenyo kuzuru nkarinondora!

  • ewe pacifiqwe muteramyaku we!! uhoraho aguhane pe! iyuriko urafata iminsi mibinkiyo uyigereranya niyamafungo ntanumutima usimba? urikivume.

  • Inyuma y’imisi 40 n’ukwinjira mugihugu c’isezerano,tugasezerera ubuja bwa Faraoni.

  • ababwira ngo mujane amasanamu yabanyu bahasize ubuzima vyumvikana neza ko ata wiwe n’umwe arimwo. arindiriye kwimbur muhejj kurima. ariko ntagire ngo n’itongo ritagira umurinzi

  • ahubwo abarundi ndabemeye vyukuri kubona banka ko amategeko ahonyangwa bagatako bamwe bakabizira kandi bakibandanya ariko ntibacike intege.inyishu igiye kuboneka amaraso yasesetse ni menshi ntawobisabirako.imana isumba ingabo

  • NTASONI GA PACIFIQUE WE.WANTAGONDWA WE BUTINYA IMANA .SATANI YAGUTUMYE UMUGAMBI MUBI WOKUZIMIZA NOGUHND UGWARUKA GWIMANA.PFUKAMA UCE BUGUFI IMAN IKUGIRIRE IKIGONGWE.UMUHIMA WAMACAKUBIRI GUSA .UMUSI WAFASHWE PFYE!!!!!!KIJUJU GUSA.

  • JEWE NAMA NJUNDA GUSOMA ARIKO NKIRUNDA KWANDIKA ARIKO KUBERA MFISE IBIKORWA NKORA BIJANYE NIVY’IMANA NUMVISE IVYUYU MUNTUWACU PASIFIQUE AVUZE KO IBIMAZIMISI BIBANGAHA BUJUMBURA BIJANYE NIMYIYEREKANO NGOKOBIHUYE NOKWISONZESHA IMISI 40 NUMVISE ARIVYIZA KUGIRA ICONDABIVUGAKO KUKO IBINTUNKIBI BIMAZE GUHITANA ABANTU NIBINTU BITARIBIKE NKABAKOZB’IMANA TUTAGIZE ICOTUBIVUGAKO TWOZOBIBAZWA N’IMANA IMPAVU TWAVUGA KOTUYIKORERA ARIKO TUKABATUTAKEBURA ABANTUBAYO BASHAKA KUYIROGOTAKO. NISUNZE IBIYAGO TUZATURAGIRIRANIRA NABAGENZI BOMUMADINI ATANDUMANYE MUBIHUGU BITANDUKANYE, JEWE NDAMAZE KUGANIRA CANE CANE NABAGENZIBANJE BOMWIDINI RYA ISLAM BARAMBARIYE UKWO IYOMIRWI YIRIRWA IRATIKUZA INGANDA KW’ISI NKAZA AL QAUIDA, BOKO HALAMU, NAZA AL SHABBAB IVYOBAMBARIYE UKWO IYOMIRWI YATANGUYE IVUGA NCIYENUMVA IVYO PASIFIQUE AVUZE BIRAHUYENEZA! BAVUKANYI DUSANGIYE UMURIMO W’IMANA NTITUNUME HARAGEZEHO NUZATURAKEBURA ABANTU IMANA YADUSHINZE KUKO IZOBATUBAZA BIHENZE MUMVUGO NOMUNGIRO TUBAKOSORE KANDI TUTABAHUNGABANIJE MUBIKORWAVYABO NICOTWATORANIRIJWE KANDIKUBERA BATUZI KWARICODUSHINZWE BIZOBAFASHA KWIKEBUKA.AMEN.

  • nukuri ndagushimiy pacifique’uyumusi ntusanzw komera kwibanga twiyemeje ryokwiganzura aba DD ataco bibanga.

  • Finalement niba vyabintu mukora mubishira ku Mana,
    je conclus que vous etes un groupe terroriste.
    Ninka bimwe vyo Joseph Konnie wo mu buganda canke aba djihaddistes.

    TWARATEWE NTITWABIMENYA ngira ni bamwe Président yavuga igihe yasokoroka
    inyuma ya putch. TURAGOWE!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • JE NIBAZA KO WOKWEGERA ABAGANGA BAKAGUPIMA KO UKWIJE KUKO IYOMYIYEREKANO SIMBONA AHO YABEREYE . VA IYO WINYEGEJE UZE UDUFASHE KUKO GUKOKEZA URABIZI. ARIKO NOHANURA ABAGENZI BAWE KO BOKUJANA KWA LUJANTI NI BA URI I BURUNDI CANKE BAKARABA ABANDI BOGUFASHA KUKUVURA.

  • Nukuri Abarundi,turahanzwe!!Uwomugesera Pasifike,nyakugwa,iyari Agumateranya,abantu Bagwamumyiyerekano,nawahariyigaramiye,muma Etaje Umudayashizehejuru!Kwataza,ngwadufashe?Ubutwamuhinyuye!Nikaviyogatunye,kazekadufashe,bagakubit,urusase Rwomugahanga,kumvirize,icokadushakira.Yoooo!!!Ukwonikwameze??Barakamumesa!!!!Barundi Imana,yabahaye Umutwe Ukora!!!

  • Nukuri Abarundi,turahanzwe!!Uwomugesera Pasifike,nyakugwa,iyari Agumateranya,abantu Bagwamumyiyerekano,nawahariyigaramiye,muma Etaje Umudayashizehejuru!Kwataza,ngwadufashe?Ubutwamuhinyuye!Nikaviyogatunye,kazekadufashe,bagakubit,urusase Rwomugahanga,kumvirize,icokadushakira.Yoooo!!!Ukwonikwameze??Barakamumesa!!!!Barundi Imana,yabahaye Umutwe Ukora!!!

  • Iyi miruho izohera kuko ngo: IMANA NTIGOMBA YUKO UBURUNDI BUHINDUKA IKIBUGA CA NKURUNZIZA.

  • Mbega Kurogota Kuri Mpwemu Yera Arico Caha Kitababarirwa Wagira Ni Gute?Nugufata Ibikorwa Vya Satani Ukabishira Ku Mana Na Mpwemu Yera Pacific Yarogose Pe Yashoye Abantu Kubugi None Ngo N’umusi Mukuru Wibitangaza Mat12:32-36-37 Ngo Bihwanye Ni40jrs Yivy Imana?Abavuga Batyo N’Intumwa Za Satani Abantu Bapfuye Nakaga Satani Umugambi We Nuko Abantu Bapfa Yoh8:44 Abavuga Ko Abapfirayo Ari Incungu Na Abakozi Basatani 2kor11:12-13-14 Uwishe,N’uwiyahuye Bose Na Bicanyi Imbere Y’Imana Be Maso Musenga!

  • EWE PACIFIQUE YACO UGERERANYA IYO MIGUMUKO NIGIKORWA YEZU YAKOZE KUKO WEWE YARIKO ARANGURA ISHAKA RY,IMANA.NONE GA NYAKUBAHWA MWEBWE MURIKO MURANGURA ISHAKA RYANDE?AHUBWO NTIMUSUBIRE GUSHIRAMWO IVY,IMANA MWOHAVA MUSANGA MURIKO MURAGWICIRA KUMANA.HARANIRA IVYAPOLITIQUE GUSA.ARIKO NAGIRA NKUBWIRE KO ATAWUGWANYA UWO IMANA YASIZE AMAVUTA.AHO MUVUGA NGO AREKE KWITOZA IMANA YOYO IRIKO IMUHA INKOMEZI ZIRUTA IZO YAHORANA.AHUBWO GENDE KURONDERA AMAJWI KURUBUGA KUKO MWAVYANKA MWAVYEMERA NTAWUKORAKO NTIBISHOBOKA

  • EWE PACIFIQUE YACO UBA UFYINA N,IMANA.IMISI 40 ITWIBUTSA IMISI YEZU YAMAZE YISONZESHEJE AGERAGEZWA NA SHETANI, NONE GA SHA WEWE UGOMBA WIGERERANYE NA YEZU?AHO UGOMBA UVUGE KO ATAMFUNGUGWA N,INYOBWA WIGEZE USHIRA KU MUNWA CANKE NGO WABIRE UMUGORE?SHA UZOHORE WIYUMVIRA IVYO UVUGA KUKO UZOHAVA USANGA URIKO WICIRA URUBANZA.MUGABO NGUHANURE IKINTU KIMWE.KURA ABO BANTU MWIBARABARA KANDI BIZOGUHA ITEKA N,AYAHANDI UZOBA URIKO UREREKANA KO ATACO UMAZE.KANDI WEWE WOJA MUMATORA UKONGERA UKUBAHA IMANA WOTORWA.ATARUKO NTUZIGERA UGIFATA.

  • arko se mwa barundi mwe koko,iminsi 40ni myinshi ntimugirira impuhwe n’abana banyu,ibintu murimo ko bitanashobora ngo byitwe ntambara wend ni ya ntambara ya mngo abari gupfa ngo bitwe intwari!!mwashyira hamwe mukaganirakoko!ikibazo kikarangira mwabwira uwo mushefu pacifique ko murushye agatanga agahenge!!!

  • Pacifique ameze nka ba banyamurenge bene wabo bagenda basamye. Ubunza bwira amaze kurya isazi nk’ijana. Uwabaroze ntiyakarabye. Ubwo mwari mwizeye gutera Peter amabyi nkuko mwayahondagiye Ntibantunganya alias Bibagirwavuba. Humura nuwo mwobo wihishemo nuwuvamo uzaba urumugabo. Ubuhunzi niba aribwo wahisemo uzabyumva vuba. Rya impungurz, sosoma hanyuma urenzeho 100gr z’ibiharage nyuma uzabona uburyohe bwo guhunga

  • Mwese mwese murimwibarabara mwiyamiriza reta yakoze ibi bikurikira
    1.Kwica Abahutu Ikabajugunya muri ruvubu bayibajije isubuza iti:Ikiziga Gisanikindi Ok
    2.Imyaka 10 ikaba irarumanye Tuba muri deristage yumuriro Ok
    3.Reta yariye Indege Neza cane OK
    4.Reta yishe abihebeye imana inabakorera ivyamfurambi Ok
    5.Reta y ishe abantu I businde Ibinywamaraso Biranezerwa Ngo Imana barondera barayironse Ok
    6.Reta yaciye umutwe leandre bukuru uwuta muri toilette Rwembe Ok
    7.Reta Iturira amasoko ngo imana niyoyabiteguye Nkurumbi Peter Ok
    8.Reta iturira radio zabafashije kugira isi ibumve ingoranebagize Ok
    Sinzi ico ishaka kutwereka iyindi mandant yagatatu Urese kuduhamba tubona
    mwabicanyi bashigikiye Peter Nkurumbi nimubandanye mwibuke gusa ko atamvura idahita kandi mwibagiwe vuba cane Murutwa nibikoko kuko vyibuka gutaha mwebwe mwaribagiwe nahomwavuye Allah Abagirire Ikigongwe Nimwitabe Amin Mwese mushigikiye Nkurumbi peter

  • Ewe pacifique witegure kuja i la haye nkuko abatutsi mukunda kuyihaya, abo bariko barapfa niwe wabishe,ni we wababwiye kugira insurrection ngo ni imyiyerekano ,ni we wabaguriye urumogi na za rutuku,ni we wabategetse kwica abahutu ,kubaturira mu ma pine ku murango en presence des journalistes!!Reka kubesha ntibari imbokoboko warabaguriye imipanga bayikarisha ku murango mw’ibarabara,ama grenades yaramaze abapolisi bacu,ibihiri n’ibindi,hanyuma ngo mwari imbokoboko?Wewe pacifique kurikira abandi banywanyi bawe i rwanda bagiye gukorerayo iki rebelles aho kuguma wifugutiza muri za amabssades z’abanyamahanga i bujumbura,wewe ushaka ubutegetsi winyegeje inyuma yiryo shirahamwe ryamwe,besha neza twaraguhinyuye,gusa ubutegetsi si uko kwawe babushikira n’ukuri,jewe nzobishima ko ushimira abitanze bakanahasiga n’ubuzima ,niwaja imbere mu myiyerekano canke ugashira imbere uwo wavyaye n’umugore wawe,mbe abo wavyaye bo nta democracie wabigishije,weho ko utaja ku ma barricades,uvuga democracie winyegeje,nagira ngo ari manifestatios pacifiques wogororotse ukaja kubivugira mw’ibarabara!!Huuu,urahenda abandi,
    Mama jewe,pacifique uriko uraturira imiduga y’abahutu,wari muri putsh,ako kaguma witwaje kazohera sha uzobibazwa,intahe nkuko abatutsi mukunda kubivyga,izokwokera,nta mvura idahita nkuko kandi muvuga, iyo migumuko nayo izohera hanyuma muzoturihe imiduga yacu!!Ndi nkawe nohunga ndagukomeye akagohe!!

  • @ MISSIONAIRE AVANGA@LIQUE, URAKOZE KANDI NI’AMEN.

  • komeza sha pacific nayo abo bagutuka ni zambonerakur zamnyrey kunywa amaraso me umus uri izina zizokabona

  • Ewe Njew Araja Aho Amaraso Agaseseka Kuberawe Ng’ Imana Izobireka Uko

  • Ewe pacifik alias Munoho uwakuroze yaribagiye gukaraba

  • Mbega ko utigera uja mwibarabara wewe? Uzi guhendahenda gusa uciye ku rumogi n’ibindi

  • natwe abari ruguru turabashgikiye cane twabuze who duca igipolici tuba Yuri mwibwrabar no band I kk ngerageza kuvuga nabeshi bariyamiriza Mandat3 dushka ihinduka

  • mu ryumeko ibanga riraheberwa inyuma y’urugamba tuziruhutsa.uwukoze munda y’inka arangirizayo ukuboko.ntimutezure turi hafi gushika kw’isezerano.

  • UWUHIMVYE WESE NGO IMANA IMANA IMANA NTIKISHWA BURYA AGAHIMBO GAKURIKIGWA NINZARA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.