Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunsi wahariwe umuvyeyi se w’ibibondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umunsi wahariwe umuvyeyi se w’ibibondo

Umunsi wahariwe umuvyeyi se w’ibibondo

dimanche 16 Ruheshi 2013

Inyuma y’aho mu kwezi kwa Rusama hagati, hahimbarijwe umunsi mukuru w’abavyeyi nyina w’ibibondo, uwo munsi wahimbajwe ku munsi w’Imana ugira kabiri w’ukwezi kwa Rusama , uyu munsi naho turiko duhimbaza umunsi mukuru wahariwe umuvyeyi se w’ibibondo, akaba naho nyene ari umunsi w’Imana ugira kabiri wa Ruheshi.

Turavye ihimbazwa ry’iyi minsi mikuru y’abavyeyi, yose bayihaye umunsi w’Imana, bigaragaza ubucuti dukura ku bavyeyi duciye ku Mana. Umunsi mukuru w’umuvyeyi nyina w’ibibondo wahimbajwe kw’igenekerezo rya 12 Rusama, hari ku munsi w’Imana mu gihe umunsi mukuru w’umuvyeyi se w’ibibondo uriko uhimbazwa kuri uyu munsi w’Imana igenekerezo rya 16 Ruheshi 2013.

Mu bihugu bitandukanye vy’isi uyu munsi uriko urahimbazwa, abandi nabo bakaba bafise uwundi munsi bazowuhimbariza, canke ukaba waramaze guhimbazwa. Muri Afrika rero, uyu munsi urahimbazwa mu bihugu nka Afrika y’Epfo, Algeriya, Cote d’Ivoire, Izinga rya Morise, Madagascar, Maroc, Senegal, Tuniziya, na Kenya. Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko uyu munsi uriko uhimbazwa muri Kenya gusa.

Ariko mu bindi bihugu nk’Uburundi, Urwanda na Coreya, bahimbaza uyu munsi, ku munsi mukuru w’umweranda Yozefu, umurezi wa Yezu co kimwe no muri Ekeleziya Katolika yose, haba ari kwigenekerezo rya 19 Ntwarante.

IGIHE Burundi, twipfurije umunsi mukuru mwiza imiryango yose, na cane cane abavyeyi se w’ibibondo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.