Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu yabayeho haheze imyaka 3000 arashobora gusubira kuvuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu yabayeho haheze imyaka 3000 arashobora gusubira kuvuka

Umuntu yabayeho haheze imyaka 3000 arashobora gusubira kuvuka

mardi 22 Nzero 2013

Umuntu tubona uno munsi,siko yamye kuva mu myaka yaheze.Bamwe baremeza ko umuntu yoba yarabayeho ariko asa n’ikindi kintu.Bamwe bavuga ko yoba yavuye mu gikoko nk’inkoto,ariko uko biri kwose uko yasa haraheze imyaka 3300 siko asa umuntu w’uno munsi.

Umushakashatsi wo kw’ishuri ryigisha ivyo ubuganga muri Harvard George Church aremeza ko uno munsi bishoboka kuronka umwana afise akaranga nkako umwana yabonetse haraheze imyaka irenga ibihumbi bitatu bakoresheje ADN ihinguriwe aho nyene. Ikiba gisigaye ni kuronka umukenyezi yibungenze.

JPEG - 7.9 ko
JPEG - 8.2 ko

Mu gihe uwo muntu yabayeho haraheze imyaka 3300 , uwo muntu nyene arashobora kubaho uno munsi biciye m’ubuhinga bwa none bakoresheje ubuhinga bwa none muvyo ubushakashatsi.Ubwo buhinga rero bukaba bushingiye mu guhingura ADN bahejeje bakayishira mu kinyabuzima bigatuma havamwo umuntu bagaca bamushira mu gitereko c’umugore agakurirayo ataco yinona.

Uwo muganga akaba yamenyesheje ikinyamakuru co m’u Budagi ko yizeye ko ubwo bushakashatsi buzotanga inyishu nziza kuko yamaze kuronka ADN zivuye mu magufa ,ubu rero ngo asigaje kuronka umukenyezi yokorerako ubushakashatsi.
Mu mugambi wiwe,uwo mushakashatsi ariko ararondera umukenyezi yokwemera kwibungenga uwo mwana asa n’uwabayeho haraheze imyaka 3300.

Mu gihe rero mu bihugu bitari bike uwo mugambi utemewe,ivyo bishobora gufasha mu gukinga indwara zimwe zimwe nka Cancer na Sida, bigatuma mbere n’icizere co kuramba congerekana gushika ku myaka 120.

Twobamenyeshako ngo nka hamwe uwo mwana yovuka ashobora kuba afise ubwenge bwinshi, kuko ngo yiyumvira cane gusumba uko tubikora ubu.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.