Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu yoshobora kubaho ikiringo kingana gute adatora agatiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu yoshobora kubaho ikiringo kingana gute adatora agatiro

Umuntu yoshobora kubaho ikiringo kingana gute adatora agatiro

mardi 25 Ruheshi 2013

Nta muntu n’umwe ayobewe ko itiro ari ngirakamaro ku kubaho ku muntu ndetse iyo umuntu ataruhuka nta magara meza ashobora kugira.Hari n’igihe mbere ugenda kwisuzumisha kwa muganga ,umuganga yaraba ibipimo akakubwira ko ukwiye gufata akaruhuko gusa ,reka turabire hamwe umwanya umuntu ashobora kubaho adasinzira.

Kubwo umushakashatsi w ‘umunyamerika Karori Cseizer, ngo Michael Jackson yoba yishwe no kubura itiro. Ibihuha vyoba bivuga ko uwo muririmvyi yoba yamaze igihe kingana imisi 60 adatora agatiro. Iyo ntahe igatuma haciye habaho uguharira ku vyerekeye ikiringo umuntu yoshobora kumara adatoyea gatiro.

Si agaseseshwarumuri itiro ni ikintu ca nkenerwa ku buzima bwa kiremwamuntu ivyo rero bikava no mu gihe umuntu agitangura kubaho. Ubwo rero umwanya umuntu amara asinziriye, canke isaha yo kuryamirako birafise ingaruka nyishi cane ku magara yacu bigashobora no gutuma umuntu agira ingorane nyinshi iyo umuntu ataryamitse iryo tiro. Usanga umuntu adakeye mu maso, ibitirotiro, ubukari bwinshi ,umwitwarariko urengeje, ukugabanya ubukerebutsi bw ‘umubiri hamwe n’ubwu’ubwenge gufata ibiro, ingaruka ni nyishi cane.

Mbega n’ibiki bishika iyo kubura itiro bimaze imisi? canke iyo nyene bishitse ugasanga nturyamye na gato? Aho rero ingorane zica ziba nyishoi cane kandi ziteye ubwoba ku buryo ni umuntu ashobora guhwera. Mu bisanzwe, ukubura itiro rero ngo vyarananiranye kwigwa muri bimwe bita laboratoire kandi ngo nta rupfu na rumwe rurigera ruvugwa ngo rwavuye ku kubura itiro. Mu mwaka uheze, umushinwa afise imyaka 26 yaritavye Imana inyuma yo kwipfuza kuraba inkino zose z’umupira w’amaguru mu mwaka wa 2012 imisi cumi n’umwe adasinzira.

Igihe rero atashe iwe, yaciye aryama ntiyigeze asubira kuvyuka. Ariko rero ,abaganga bakaba bamenyesheje ko uwo musore yari yanyoye itabi kandi yari yanyoye iyo misi yose yamaze atanaryama bikaba vyatumye batemeza ko urupfu nyamukuru ari ukubura itiro. Kuri uwo musi, ngo umnyamerika Randy Gardener afise imyaka 17 aracari uwa mbere, mu mwaka w’1965 yaramaze amasaha 264 ni ukuvuga imisi 11 ataryamye mu gihe bari mu bihe vyo kw’ishure mugabo ngo vyarafashe umwanya kugira ashobore gutora umwanya yari yatakaje.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.