Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu yosigura gute muri CV umwanya yamaze ata kazi afise - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu yosigura gute muri CV umwanya yamaze ata kazi afise

Umuntu yosigura gute muri CV umwanya yamaze ata kazi afise

jeudi 2 Rusama 2013

Abantu benshi bibaza ko iyo bariko barategura ivyaranze ubuzima bwabo muri cv bokwandika indenza rugero, ariko sivyo, ahubwo hasabwa kuvugisha ukuri, kandi ukandika ivyo woshobora gusigura imbere yabakoresha.

Abahinga bavuga ko uburyo bune aribwo abakoresha bisunga mugutora abakozi:

1.Ni ukutabesha na rimwe iyo haboneka ikinogo gito canke kinini muri cv yawe, canke ngo ubeshe amagenekerezo kuko iyo bifashwe utakaza ukwizerwa kuwuriko arabisoma naho ataba ariko arakubona, kuko harya benshi bakurikiza amategeko, baraheza bakabaza aho wakoze ko ivyo uvuze arivyo ndetse nuko wokora ivyo vyose, uraheza ukabivuga muri make kandi utinjira cane mu buzima bwawe bwa misi yose.

2.Ari akaruhuko wafashe ku bijanye n’ingorane z’umuryango, ugwaye canke muvyo wizera bituma utokora, ukabisigura mu majambo make no mu mvugo yisoneye. Aho hose ntibikenewe ko utanga amagenekerezo ariko nimba muri uwo mwanya warabaye hamwe n’abandi mu mashirahamwe, mu nyigisho zitandukanye ni vyiza ko ubivuga.

3.Kuvuga ukuri muri cv yawe bifashako iyo bagutumyeko bakubaza amaso mu yandi, bituma utadidinganya kuko uvuga ibiva ibwina y’umutima bigatera igomwe uwuriko arakwumviriza kuko aba abona ko ivyanditse bisa n’ibivurwa kandi atabwoba aho hose imirongo itarenga ibiri irakwiye.

4.CV isomwa mu buryo bubiri: ubushobozi bwawe buza ubwa mbere hanyuma ubuntu n’inyifato vyawe kuko abakoresha beza kenshi ntibahagarara ku mpamyabushobozi canke ibibanza vyiza wakozemwo. mumaze gukora ahantu mudahembwa canke gusubira kwiga mukaronka impamyabushobozi zitandukanye ni vyankenerwa cane ko ubivuga.


Aimé-Victor Kwizera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.