Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyamerika amaze imyaka 5 yibagisha kugira ase na Justin Bebier - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umunyamerika amaze imyaka 5 yibagisha kugira ase na Justin Bebier

Umunyamerika amaze imyaka 5 yibagisha kugira ase na Justin Bebier

lundi 21 Gitugutu 2013

Umunyamerika yitwa Toby Sheldon ntahagarika kwibagisha mu maso kugira arabe ko yosa na Justin Bebier. Ukwo kwibagisha amazemwo imyaka 5 kumaze kumutwara amahera 100 000 vy’amadorare y’amanyamerika.

JPEG - 30.9 ko
Toby Sheldon, imbere y’ukwibagisha hamwe n’inyuma y’ukwibagisha

Uwukunda ngo ntaharura. Toby Sheldon, umunyamerika w’imyaka 33 y’amavuko, afise ugushaka kudasanzwe kwo gusa n’umuririmvyi w’umuyabaga Justin Bebier. Mu myaka 5 iheze, Toby amaze kwibagisha mu maso incuro nyinshi cane kugira arabe ko yosa na Justin Bebier, umuririmvyi akunda cane. Ukwo kwibagisha bikaba bimaze ku mutwara amafaranga agera ku 100 000 vy’amadorari y’amanyamerika.

Umuntu yihweje amasanamu yasohotse mu binyamakuru vyo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, uwo musore w’umunyamerika, Toby, yarihinduje mu maso hiwe. Ukwibagisha nako aheruka gukoresha akaba kwari ukwibagisha iminwa. Ivyo bikaba vyamutwaye amahera agera ku 11 000 vy’amadorare y’abanyamerika, kugira aronke intwengo isa na Justin Bebier. Ukwo kwibagisha kukaba kwamufashe ukwezi kwose kugira akire inguma.

JPEG - 24.9 ko
Toby Sheldon inyuma yo kw’ibagisha/ isanamu ya Justin Bebier

INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Toby Sheldon, NTIYIYEMERA .Nonumenyesha ko ata mubiri ukozwe ( upfutswe) n`inkovu kubw`abantu ,woshobora gusa n`uwo Umuremyi bwegu yikoreye.Asesagurira ubusa.Jeho mbona kobiteye isoni hari abenshi babura icorikesha n`icorirenza.YOFASHIJE ABAGOWE BEMERA ICO BARI HO ?

  • Toby Sheldon, NTIYIYEMERA .Nonumenyesha ko ata mubiri ukozwe ( upfutswe) n`inkovu kubw`abantu ,woshobora gusa n`uwo Umuremyi bwegu yikoreye.Asesagurira ubusa.Jeho mbona kobiteye isoni hari abenshi babura icorikesha n`icorirenza.YOFASHIJE ABAGOWE BEMERA ICO BARI HO ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.