IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umunyororo wo guherayo ku wagirizwa gufata abana ku nguvu no (...)

Umunyororo wo guherayo ku wagirizwa gufata abana ku nguvu no kubica

samedi 11 Rusama 2013

Mu ntara ya KARUSI, sentare nkuru yaraciriye umunyororo wo guherayo umugabo yagirizwa gufata ku nguvu abana bakiri bato no kubagandagura.

Uwo mugabo yagiriwe kandi n’icaha co kwica umwana w’umukobwa w’imyaka cumi n’umwe, inyuma yo kumwica aca amuhamba imbere y’inzu yiwe.

Muri uwo rubanza harimwo n’abandi batatu bagirizwa ko batatabaye abo bari mu ngorane, ariko ubutungane bwabambitse izera.

Ivyo bikaba vyerekana ko umugambi w’ubutungane bwegereye abanyagihugu ufise akamaro kanini cane kuko ubu imanza zitagiteba. Uwo yakoze ivyo vyaha yaciriwe urubanza inyuma y’imisi ibiri gusa, muri bimwe bita imanza z’ikibiriraho.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.