Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyororo yatanze intanga ziwe mu mpisho kugira aronke umwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umunyororo yatanze intanga ziwe mu mpisho kugira aronke umwana

Umunyororo yatanze intanga ziwe mu mpisho kugira aronke umwana

mercredi 23 Gitugutu 2013

Umwe mu banyororo b’abanyapalestina bo mw’ibohero y’Ayalon i Ramla, mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Tel-Aviv yashoboye gutanga intanga ziwe mu mpisho kugira aronke umwana.

Muri Nzero Hana al-Za’anin, umukenyezi w’umunyegaza w’imyaka 26 azovyara umwana yitwa Hassan w’umwe mu banyororo bapfuzwe i Ramla ariko hakaba haciye imyaka indwi irenga atabonanye n’umugabo, ariwe se w’uwo mwana yibungeze agiye kuvuka. Se w’uwo mwana akaba ari mu munyororo m’u gihano c’imyaka 12 yagizwa kuba ari mu ba Jihad b’aba islamu, umuhari wihaye gusambura Leta y’igiheburayo.

Mu gihe amategeko y’umutekano araba amabohero muri gihugu ca Israel ari mu mategeko akomeye kw’isi yose kandi atanashobora kurengwako, intanga z’umwe mu banyonyo zarashoboye gusohoka mu mpisho atawubimenye, ziragenda amasaha arenga atandatu, zinaca naho hose basuzumira, ariko ntihagira uwuzibona. Hassan akazoba ari umwana wa mbere avutse biciye m’umbuto z’umugabo ari munyonyoro zisohowe mu mpisho,e atamabanga mpuzabitsina hagati y’umugabo n’umugore.

Uwo mukenyezi azokwibaruka umwana w’umumwe mu banyororo akaba ariko arakurikiranwa n’umuganga w’incabwenge muga adashima gukorera ku mugaragaro. Salem Abou Khaizaran, akaba amaze kubigiramwo uburambe, ubu akaba kandi yarubatse ikigo kiraba ivy’imbuto zizotuma havuka umwana, aho bafata imbuto z’umugabo bakazishira mu gitereko c’umukenyezi, hatarinze kuba amabanga mpuzabitsina. Ku bikorwa akorera muri ico kigo, mwomenya ko uwo muganga w’incabwenge afise nk’udusaho tw’imbuto tugera kuri 60, yabitse mu bubiko bwiwe buzigama « Laboratoire » bw’ Napolouse, ubu akaba arindiriye kuzitera mu bitereko vy’abakenyezi, ku ncuro zirenga 20.

Mwokwibuka ko mu mwaka w’ 2008, imboneshakure y’igihugu ca Palestina yagumye yerekana amasanamu y’umukenyezi yibarutse umwana w’umwe mu banyororo batarinze kukira amabanga mpuza bitsina.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.