Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupfasoni agira 13 ahawe agashimwe kitiriwe Nobel - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umupfasoni agira 13 ahawe agashimwe kitiriwe Nobel

Umupfasoni agira 13 ahawe agashimwe kitiriwe Nobel

jeudi 10 Gitugutu 2013

Ku myaka 82, abaye umupfasoni w’ 13 ahawe agashimwe kitiriwe Nobel (Prix Nobel de la Littérature.

Alice Munro yamenyekanye mu kwandika inkuru zifatiye cane cane ku buzima bwo mu mitumba y’i Ontario, ari navyo vyatumye agereranywa n’umurussiyakazi Anton Tchekhov. Bubaye ubwa mbere igisata co muri Suede kijejwe ivy’ugutanga ubushimwe, gitanga agashimwe k’umwanditsi, yandika inkuru gusa mu myaka 112 iheze.

Haciye imyaka itari mike uyu Alice Munro aboneka mu murwi w’abohabwa agashimwe kitiriwe Nobel, abahinga ba Nobel bafata ko ubutore buri mu nzandiko ziwe, bumugira umuhiganwa akomeye. Munro yashimwe kubera ubuhinga bwiwe bushasha, yitije umuderi ukeye kandi wuzuye ukuri kwo mu bwenge, IVYO BIKABA bishikirizwa igisata c’inyigisho co mu gihugu ca Suede mu ndondamuntu yagize (Academie Suedoise).

Inkuru ziwe zerekeye na ntaryo ibisagara bito bito aho intambara z’abantu baharanira kubaho neza zituma haba ingorane mu kibano, hamwe n’intureka z’imico bifatiye ku butandukane bw’imyaka canke kudahuza imigambi y’ubuzima. Ico gisata co muri Suede kikaba kibandanya kiti: ’’Dusanga mu nzandiko ziwe zishingiye mu kwerekana ibiba ku munsi ku munsi, ariko vy’ingingo, ukamengo n’ibingaza biboneshereza kahise ku bibazo bisanzweho.

Alice Munro n’umwanditsi, ubuzima bwiwe bwose aciga muri kaminuza yaratangaje ivyandiko vyiwe vya mbere, aho yakora ataruhuka gushika ubu i Cliton (Ontario), kure y’umusunikano w’ama radio.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.