Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupfasoni wa François Hollande yaraye asohotse ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umupfasoni wa François Hollande yaraye asohotse ibitaro

Umupfasoni wa François Hollande yaraye asohotse ibitaro

dimanche 19 Nzero 2014

Valérie, umupfasoni wa François hollande yaraye asohotse ibitaro inyuma y’iminsi munani. Akaba yashimiye abo bose bamubaye hafi .

Amakuru dukura ku kinyamakuru 7 sur 7 avuga ko umupfasoni wa François Hollande yaraye asohotse ibitaro inyuma y’iminsi munani yari amazeyo . Uwo mupfasoni yari yafashwe bukumbi n’indwara y’umutima mu gihe amenya ko umushingantahe wiwe yoba afise uwundi mugore bagendana ariwe Julie Gayet. Kuva yinjira ibitaro abatari bake bari bagize amakenga kuko ata numwe yari azi amakuru yiwe. Ndetse n’umuhungu wiwe akaba yarankiwe kwinjira kumuraba aho yari agwariye. Valérie rero yoba yasohotse ibitaro nk’igihe c’isaha icenda n’igice aherekejwe n’abajejwe umutekano batari bake hamwe n’amamoto yo ku kirimba .

JPEG - 22.8 ko
Valérie Trierweiler, umutambukanyi wa François Hollande

Ico gihe yaciye afata ibarabara rimujana i Lanterne i Versailles aho ategerezwa kuruhukira agatekana,nk’uko bivugwa na ikimenyeshamakuru Paris Match. Umushingantahe wiwe François Hollande yoba yagiye i Corrèze kuri uno wa gatandatu ntawuzi rero ko vyahuriranye canke ari bintu yateguye. Ku munsi wa kane , Francois yaragiye gusuhuza umupfasoni wiwe . Ku makuru ava mu begereye umupfasoni wiwe avuga ko abaganga ubwa mbere bari banse ko François Hollande yinjira aho arwariye.

Mu gihe yaja kumusuhuza ,bakaba bemeranije ko bohana umwanya imbere yo kuvugana neza ivyabaye hama bafate ingingo,nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Le Parisien . Mbega ivyamenyeshejwe n’ikinyamakuru Closer ko iyo migenderanire hagati ya Francois Hollande hamwe na Julie Gayet yoba imaze imyaka ibiri mbega bizohava bigira ingaruka ku bizokwirikira ? Kubona Francois Hollande yaciye agenda i Corrèze vyerekana ko abo bompi uko ari babiri bafise intumbero yo guhana umwanya.

Mwomenya ko Valérie avuye mu bitaro, ku munsi w’ejo yaciye yandika ashimira abo bose bamubaye hafi akaba yabicishije ku muhora Twitter.


KARIRE Floxella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.