Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupira w’amaguru mu Burundi uguma usubira inyuma nk’ibirenge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umupira w’amaguru mu Burundi uguma usubira inyuma nk’ibirenge

Umupira w’amaguru mu Burundi uguma usubira inyuma nk’ibirenge

samedi 7 Ruheshi 2014

Urukino rw’umupira w’amaguru mu Burundi ntirwigeze rutera intambwe kuva mu mwaka w’i 1993. Ku rutonde rwakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA, Uburundi bufise ikibanza c’i 128, mu mwaka w’i 1993 bwari mu kibanza c’i 101. Haboneka imyaka mike gushika uno munsi, aho umupira wagiye utera imbere.

Umupira w’amaguru mu Burundi nta terambere wigeze ugira kuva mu mwaka w’i 1993 aho urutonde rwasohowe na FIFA bwari bufise ikibanza c’i 101. Inyuma y’uwo mwaka ikibanza c’Uburundi cabaye 126. Vyagumye biyangara ariko mu mwaka w’i 2007, Uburundi bwaramanutse gushika ku kibanza c’i 109, uwo mwaka uheze ikibanza casubiye kuduga gushika ic’i 136.

Akandi karusho kabonetse mu mwaka w’i 2012, aho FIFA yatanga ikibanza c’i 104. Umwaka w’i 2013 gushika muri Ruhuhuma 2014, ikibanza cari i 124. Ntwarante vyarunyutse kuko ku rutonde Uburundi bwababaye 129.

Ku rutonde rushasha rwasohotse kuri uwo wa 4 Ruheshi igenekerezo rya 05 Ruheshi, umupira w’amaguru mu Burundi ufise ikibanza c’i 128, mu bihugu 209 bihurikiye mw’ishirahamwe FIFA. Abakora izo ntonde, basanze muri rusangi kuva mu mwaka w’i 1993, Uburundi bufise ikibanza c’i 133.

Mwomenyako ata gihugu na kimwe co k’umugabane wa Afrika kiri mu bihugu 20 vya mbere kw’isi. Algerie kiza ubwa mbere gifise ikibanza ca 22.

N’igiki coba gituma urukino rw’umupira w’amaguru rudatera imbere, ahubwo ruguma rusubira inyuma nk’ibirenge?


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Impamvu Umupira Wamaguru Utatey Imbere I Burundi Ni Intambara, kubura ibikoresho,Ugukinisha Intara Zimwe Izindi Zikibagirwa, Ukudakundisha Umupira Ugwaruka Rugikura Kuva Mu Mashuri Mato Gushika Muri Kaminuza. Ntitwibagire Ko N’igiturire Na Ka Mpingayanje Vyatumye Tudatera Imbere. Twizere Ko Umupira W’amaguru Ugiye Gutera Imbere Kuko Ishaka Riva Hejuru, Umukuru W’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza Arawukunda Kandi N’ishuri Le Messager Iriko Itegurira Urwaruka Rw’imihingo Yose Kuba Aba Professionnel Muri Urwo Rukino. Turabona Kandi Ko Uwutwara FFB ariko azana impinyanyuro zizotuma urwo rukino rutera imbere, aho ntitwibagiye ibibuga vyinkino biriko birubakwa kubwinshi. Turanashima Ko Hari Umurundikazi Lydia Nsekera Ari Mu Rwego Rukuru Rwa FIFA tukizera ko atako atazokora ngo Uburundi Butere Imbere Mu Mupira W’amaguru, Naho Twabonye Inzandiko Zimuvuga Ko Yariy Igiturire Ca Qatar,twizere Ko Amatohoza Azobibeshuza. Twipfuza Ko En 2020 Uburundi Bwoba Bufise Ikibanza Ca 80 Kwisi. Twese Twitange Ngo Tubishikeko.

  • Ahubwo,hanyuma uburundi buzofata ikibanza ca 209.
    None habuze iki kugira ngo uburundi bube rurangiranwa?

    Ni bashobora guha icubahiro umukinyi w’umurundi,hakaba gufatwa neza na cane cane mu buzima aba arimwo,
    hakabaho n’ugukundisha abanyagihugu umugwi nserukiragihugu.
    Insamirizi zigafasha,na cane cane muguha ijambo abakinyi nserukiragihugu,

    N’ayo ahandi ho tuzosaza turibaza ngo nankana isazi iri n’icebe?

  • uburundi bufise ingorane yabamenyereza bafise ubuhinga buto kandi nukwo igihugu coha agaciro umupira wamaguru,tutibagiye amashirahamwe guterera agacumu kubumwe.

  • umupira wishwe kuva aho igwano yaba muburundi mugabo muri iki gihe atagwano ihari umupira wishwe na hantu hitwa (hejuru) aho hejuru rro hafise equipe zishigikira mugabo intaba nizishaka kuyiraba uzobwira gute ingene equipe nationalibura amazi yo kunywa nironke na ma match amicale igira icibagiwe hoho ni formation yaba kinyi agashahara kadakwiye niyo bagiye muri cecafa bashika bakabura i hoteli. ffb yoyo nta niguvu ifise ck ubushake bwokuja kurondera abakinyi baba profesionel bakina hanze hama go bazova mu ma 100-130

  • Jewe niyumvira yuko hakenewe abamenyerza babifitiye uburambe. Mukurindira ni mwiyegereze Yaounde kumbure hari ico yofasha

  • Jewe niyumvira yuko hakenewe abamenyerza babifitiye uburambe. Mukurindira ni mwiyegereze Yaounde kumbure hari ico yofasha

  • umupir wamagur muburundi mtiwarukwiy gusubir inyuma ariko ko umengo ntibawitaho, urasubirinyuma nyene kandi nibintu bibabaje

  • Igituma Uburundi Buzoguma Busubira Inyu Kubera Igiturire Nubukene Dufise Nkukubo Olympic Star Ikubitwa Amagora 6 Na Sudani Kubusa Bwa Star Kidya Sigiturere Bariye Kubona Batatsindiwe Mu Burundi Bagatsindirwa Muri Sudani Abakunzi Burukino Twarababaye Cane Goseeee!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.