Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupira w’amaguru ugiye kunagurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umupira w’amaguru ugiye kunagurwa

Umupira w’amaguru ugiye kunagurwa

mercredi 8 Nzero 2014

Abagize urwego nyobozi ry’umupira w’amaguru mu Burundi baragiranye Inama, imbere y’uko baja mu karuhuko.

Kuri uwo wa kabiri w’igenekerezo rya 7 Nzero, abagize urwego nyobozi ry’umupira w’amaguru mu Burundi baragize inama imbere y’uko baja mu karuhuko. Intumbero nyamukuru y’iyo nama kwari guhanahana ivyiyumviro ku bigiye gukorwa mu vyo abarongozi bashasha bemeye igihe inzego nshasha zashirwaho kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013. Bimwe mu vyo abo barongozi bashasha bemeye, harimwo guteza imbere urukino rw’umupira w’amaguru mu Burundi mugushigikira uburongozi bwiza no kwagura imbibe z’amahiganwa gushika mu ma komine.
Uwurongoye urwo rwego, umushingamateka Reverien Ndikuriyo yamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2014, hazotangura inyigisho zizohabwa abahagarikizi b’inkino bo mu ntara za Mwaro, Rutana na Cankuzo.

JPEG - 13.3 ko
Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo arongoye FFB

Tubibutseko aho iyo nama yariko iraba, umushikiranganji w’inkino n’imicokama yariko abonana n’abakinyi b’intamba mu Rugamba bazogenda mu gihugu ca Afrika y’epfo bitavye inkino za CHAN, hazoba ari ku munsi wa gatanu.


cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndabishimye nivyiza bamenyeshamakuru ngombandabitumire mumbarize ukuntu dufita bakinyi bakina mubindibihugu canke murikanokarere barikobitwaraneza ariko ntimubatumire nkiyi chan ntirobayoroshe murobamumbwira tuzetwamire ngotwaritwagerageje!!! kandidufitabaki?mbona nibindibihugu bitumira abakinyibose bavamiricogihugubakenewe nkeshwe twebwe tukirinyuma.

  • Mvugukuri,hewe ivya football numva hoho utavuga ukuri,eka urashobora kuba utanabizi,birekere ba nyenevyo babazi.uze utohoze umenye CHAN ico arico bizogufasha kuko ntamukini ukina hanze ashobora gukinamo.happy new year Mutama!!!

  • Ndagushimiye Muyinga kimwe rekandindire inkino none nkaziryankino ziherukakubera muri KENyA wombwira amazina yabakinyi bakininyuma yigihugu barimw?ok mer6.

  • JEWE NDABABAZWA NUKUNTU BASENYUYE IKIPE IHERUKA WAKADUGU ARIYO OLYMPIK STAL NDAFISE AGAHINDA.TWAGIRA TWIYONGERE IKINDI GIKOMBE BANYAKUBAWA MUKORA MURI FEDELASYO NIMUZE MURATURABIRA ABAKINYI CANKE ABAKOC BASIGAYE BAGENDA BATWAYE ABAKINYI ATARUHUSHA BABIFITIYE KANDI UGASANGA NKUMUKINYI AGIYE ATARAMARANA AMASEZERANO NIKIPE AKINAMWO OLYMPIK STALI BARAYITEMBAGAJE BIVUYE KUMUKOCA WELO AKOCA GITEGA

  • BAMENYESHAMAKURU NDABITUMIRE NTAKUNTU ALE YOHERA OYLMPIK STAR.YOGERA KUNOMUSI ITARARONKA UMUKOCA WUMUHINGA IKIPE YADUSERUKIYE IKAKIRA WAKADUGU IKANGANYA 0_0 ISOHOTSE IWAKADUGU IGAKURAYO INTSI?IKONGERA IKAKIRA SUDAN.IKANGANYA ZELOZELO?NTAKIPE NIMWE YOMUBURUNDI YAKOZE IVYOBITANGAZA NDASHAKA YUKO TUJEHAMWE TWUBAKE IKIPE YACU IVE MUKAMALAMAZA.ABASERUKIYE OLYMPIK STAL NIMURONDERE UMUTI WOVURA IKIPE MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.