Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupira w’inzahabu wo muri Afrika uzotwara nde? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umupira w’inzahabu wo muri Afrika uzotwara nde?

Umupira w’inzahabu wo muri Afrika uzotwara nde?

jeudi 2 Nzero 2014

Mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru ririko ryitegura gutanga umupira w’inzahabu, eka n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu Afrika ryatangaje abakinyi batatu bariko bahiganirwa umupira w’inzahabu wo muri Afrika.

JPEG - 163.6 ko
yaya toure

Abakinyi batatu bo muri Afrika bariko bahiganirwa umupira w’inzahabu bamaze kumenyekana. Umukinyi aturuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire Yaya Touré ari muri abo batatu, kandi niwe ahabwa amahigwe menshi. Yaya Toure, afise ikibanza co hagati mu kibuga mu murwi wa Manchester City, uwo yaramaze gutwara uwo mupira w’inzahabu incuro zibiri. Igihugu ca Cote d’Ivoire kizoserukirwa n’abakinyi 2, Didier Drogba, umusatirizi w’umurwi Galatasaray ari muri abo bazotorwamwo uwuzohabwa umupira w’inzahabu.

JPEG - 8.7 ko
Didier Drogba

Umunyanigeriya John Obi Mikel, akina mu murwi wa Chelsea na wenyene ari ku rutonde. Hari n’abandi bari biteze kuja kuri urwo rutonde, abo ni nk’umukinyi w’umurwi wa Borussia Dortmund Pierre-Emerick Aubameyang. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru « FIFA » rizotanga uwo mupira kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2014. Imbere y’iminsi itatu gusa ni kuvuga kw ‘igenekerezo rya 9 Nzero, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu Afrika (CAF) rizotanga uwo mupira. None ku bwawe ni nde uha amahirwe muri ivyo bihangange bitatu vyo muri Afrika ?

JPEG - 68.5 ko
John obi Mikel

Messages

  • Twe mbona ar yaya toure kuko arabikwiriye mbese kubwanje nsa nuwakimuhaye

  • JEWE NDABIBONA UKUNDI,KUKO MURI ABO BOSE BANUGWANUGWA,NTA MUNYAGIHUGU CANGWA SE UMUTURAGI ARIMWO.

    IYO HAZA KUBA HARIMWO N’IMIBURIBURI ABO BABIRI MVUZE, NAMENYA ICO NKORA.

    ARIKO UBU MVUGA NTI BARATWARA NTI TWARA,BAREKA NA HO NTI REKA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.