Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Umupolisi yaritavye Imana mu gitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Umupolisi yaritavye Imana mu gitero

Kenya: Umupolisi yaritavye Imana mu gitero

dimanche 12 Rusama 2013

Umupolisi wo mu gihugu ca Kenya yapfuye, abandi benshi barakomereka ku musi w’ejo kuwa gatandatu mw’ijoro, mu gitero c’abitwaje ibirwanisho, ku kirindiro c’ahakorera abapolisi i Mandera, hasanzwe harangwa umutekano muke, ku rubibe Kenya ihana na Somaliya na Ethiopie.

Nk’uko amakuru ava mu gipolisi co muri Kenya abimenyesha, abakoze ico gitero cahitanye umupolisi umwe, abandi benshi bagakomereka, ntibaramenyekana

Uburere igihugu ca Kenya gihana na Somaliya nka Mandera, Wajir na Garissa burakunda guterwa n’abitwaje ibirwanisho baba bariko barondera abajejwe umutekano, hamwe n’uburiro n’uburyamo vyegukira abadashigikiye ibikorwa vy’imirwi y’iterabwoba.

Ico gitero cakozwe inyuma y’amasaha make gusa Leta ya Kenya imenyesheje ko igiye kurungika ingabo zayo mu turere twa Mandera twaheruka kuba ikirimbiro y’ingwano zahitanye abantu umunani hagati y’imiryango ibiri idacana uwaka, i Rhamu, ku birometero 75 uvuye mu burengero bwa Mandera.

Nk’uko ayo makuru ava mu gipolisi abandanya abimenyesha, abarwanyi bo mu gihugu ca Ethiopie boba barajabutse urubibe, binjira mu gihugu ca Kenya gufasha umwe muri iyo miryango ikebana.

"Igisirikare cararungitse inteko zisanzwe zaramaze gushika i Mandera mu gikorwa co kwaka ibirwanisho abo barwana, baba abo mu gihugu canke abanyamahanga” vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’igihugu, William Ruto, kuri uyu wa gatandatu
Inteko zo mu gipolisi nazo zikaba zigiye kurungikwa muri ako karere.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.