Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umufaransakazi akotesha igikiriza ciwe ku mahera 100 € - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umufaransakazi akotesha igikiriza ciwe ku mahera 100 €

Umufaransakazi akotesha igikiriza ciwe ku mahera 100 €

mercredi 7 Myandagaro 2013

Umugore w’umufaransa yagize itangazo ryo kurondera uwokota amabere yiwe ku mehera y’amanyaburaya 100 (100€) ku munsi. Ivyo bikaba vyaciye kurubuga ngurukanabumenyi e-loue.com.

JPEG - 41.1 ko
Itangazo uwo mugore yashize kuri e-loue.com

Rwoba ari urudandaza rushasha rwavutse?...urubuga ngurukanabumenyi rwa e-loue.com rwaracishije kuri rwo itangazo ry’umugore agomba gukotesha amabere yiwe mu kwonsa. Uwo mugore yagize iryo tangazo akaba ari umufaransakazi aba i Paris, afise umyaka 29. kandi ni umuforoma. Avuga ko gukota igikiriza ciwe biri kugiciro c’amahera 20 y’amanyaburaya kw’isaha (20€) canke 100 ku munsi (ibihumbi nka 220 vy’amahera y’amarundi ku kwezi). Uwo mugore ati: “Nshoboye kwonsa incuro cumi ku munsi”. Akamo kiwe ngo akaba yagateye ahanini abubakanye basangiye igistinagabo, bafise uruyoya.

Alexandre Woog, umuyobozi w’urubuga ngurukanabumenyi e-loue.com avugako ari ibintu vyimboneka rimwe kandi binatangaje. Ariko akavugako ari : “Ni ugufasha abantu mumvyo batishoboje. Ni ingendo nshasha mw’iterambere ry’abarera abana bakanabonsa”. Ivyo yabimenyesheje inyuma yaho urubuga arongoye rushize ahabona itangazo ry’uwo mugore w’umufaransakazi. urwo rubuga rukaba rufise icivugo kivuga giti:"kumwe na e-loue, vyose birakoteshwa"( avec e-loue, tout se loue).


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.