Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi batazira "Bosebabireba" agiye kwitaba sentare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuririmvyi batazira "Bosebabireba" agiye kwitaba sentare

Umuririmvyi batazira "Bosebabireba" agiye kwitaba sentare

lundi 24 Ruheshi 2013

Mu minsi iheze haravuzwe ko umuririrmvyi wúmunyarwanda Uwiringiyimana Theogene azwi cane kw’izina rya «Bosebabireba», afise urugendo rumujana mu bwongereza , ariko abakunzi biwe harimwo nab’ abarundi ntibamenye igihe yoba yarafashe urwo rugendo, bakaba batazi n’amakuru yiwe ubu.

Uyo muririrmvyi Theogene Uwiringiyimana aririrmba indirimbo zihimbaza Imana,
agakundwa cane mu ndirimbo ziwe na cane cane mu gihugu ciwe c’urwanda no mu gihugu c’u Burundi.Aho asubiriye kuja ahabona , yaraganiriye n’umunyamakuru wa Radio Flash y’i Kigali, atangaza ko avuye mu bwongereza , aravuga ibiteramo yakorereyo ingene vyagenze, yongera aranavuga n’abandi baririmvyi babonaniyeyo.Ariko kw’amakuru ava mw’iradiyo Authentic, avuga yuko Uyo muririmvyi atigeze ahonyoza ikirenge mu gihugu cÚbwongereza.

Mu kiganiro “Salus Relax” kica kw’iradiyo Salus, umumenyeshamakuru Sam avuga ko yiteguriye kujana Uwiringiyimana Theo muri sentare kuko yavuze ibitarivyo, kandi azi neza ko bigiye guca mu kiganiro co kw’iradiyo Flash bigatuma Sam nawe abesha, abari bateze amatwi ico kiganiro bakamubonamwo ububeshi ari navyo bizotuma bijana muri Sentare.

Uyo munyeshamakuru Sam agasaba ko umuririrmvyi Uwiringiyimana Theo yoja gusaba ikigongwe biciye mw’iradiyo Authentic kuko, no mukubesha yabicishije mw’iradiyo kugira n’abari bumvise ico kiganiro bumve ko ukuri aho kuri.

Theo yagize ati: “Ndababwiza ukuri uwo Sam kugeza ubu sindamuzi kandi sinari nzi ko ari umumenyeshamakuru, gusa nari namubwiye ko nagiye mu Bwongereza ndamubwira n’uko ibitaramo vyagenze ariko ndabivuga nk’inkuru sinamenya ko ariko aramfata amajwi n’abantu benshi bakaguma bambaza ivy’urugendo rwanje rwo kuja m’Ubwongereza”.

Abajijwe n’umunyamakuru wa Radio Salus ico avuga kuvy’uko umumenyeshamakuru Sam yiteguriye kumujana kumwitwarira muri Sentare , Uwiringiyimana Theo yakomeje agira ati: “Nje sinomubuza kunjana muri sentare kuko abantu b’Imana n’ibitari ivyo bizodushikira, na Yesu bamujanye muri sentare kenshi nko kwa Pilato n’ahandi kandi akarengana, nanje sinobuza uwo mumenyeshamakuru Salus kunjana mu nkiko”.

Theo Uwiringiyimana akaba adahakana ko yabeshe kwiradiyo ariko akavuga ko ivyo yavuze, atabivuze ashaka kubesha ariko ariko aratera nk’inkuru kandi afyina.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.