Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurongo wa google ugiye kugura uburyo ngurukanabutumwa bita “Whatsapp (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umurongo wa google ugiye kugura uburyo ngurukanabutumwa bita “Whatsapp (...)

Umurongo wa google ugiye kugura uburyo ngurukanabutumwa bita “Whatsapp ”

lundi 8 Ndamukiza 2013

Olivier Levard yaguze uburyo ngurukanabutumwa “Whatsapp” ku mahera agera k’umuriyaridi umwe w’amadorari.Google ikaba igiye gupima ubwo buryo bushasha bunyaruka mu kurungika ubutumwa.

Ubwo buryo bwo kwandikiranira mu mwanya umwe “chat” bwahinduye SMS,bwatumye abanywanyi b’umurongo wa Web,bashaka kubumenya cane.Kubw’umurongo w’ingurukanabumenyi Digital Trends,Google yoba yaratanguye ibiganiro kugira isubire kuyigura mu gihe n’umurongo Facebook warumaze kwerekana kushaka kuwugura nawo,aho mbere n’ibiciro vyawo bikaba bivugwa gose.

Ubu abantu bose bakaba bashaka gukoresha ubwo buryo bwa Whatsapp! Bikaba binagaragara ko iguma itera imbere cane mu gihe yarimaze imyaka ishika itatu gusa itanguye muri Silicon Valley,abanywanyi bayo nabo bakaba barungika ubutumwa burenga umuriyaridi ku musi.Whtaspp ikaba yaciye imbere imihora ikomakomeye nka Apple,umurongo wa Facebook ,eka mbere na Google.

“Ubwo buryo bwo kurungika ubutumwa bukaba bugeze ku gice co gucira ibiciro.
Hakaba haciye indwi zine canke zitanu ibiganiro vyaratanguye. Kubwo amakuru dukura k’umurongo ngurukanabumenyi “internet”yamenyesheje ko Whatsapp ishaka kugurisha icamunara,ibiciro bikaba bishika k’umuriyaridi w’amadorari,ariyo 768 500 y’ama euros.

Kuba iri hose,mu gihe,uburyo bwa iChad kuri iPhone canke BBM kuri Blacberry Messanger mu kurungika ubutumwa budashobora gukunda atari hagati yab’abafise amaterefone amwe nyene, vyatumye itera imbere n’ingoga. Ubwo buryo rero bwa Whatsapp bukaba bushoboka kuri iPhone,Android,BlackBerry,Windows Phone Symbian.. .

Ikindi naco gituma Whatsapp itera imbere,ni ukungene ishobora gutora umuntu biciye ku nimero za terefone.Mu gihe Facebook Messenger idakenera ko umuntu arinda kwiyandikisha k’umurongo wa Facebook kugira avugane n’abagenzi biwe bose.

Mu gihe umuntu afise inimero ya terefone y’uwo ashaka guterefona,bisaba gusa ko yirungikira ubwo buryo “telecharger”.Mu gihe naho woba ufise nk’umugenzi aba mu mahanga,bituma umurungikira ubutumwa k’ubuntu bikaba bisa nk’uko woba ukoresheje uburyo bwa SMS na MMS ku kiringo c’umunsi wose.

Whatsapp bikaba bigaragara rero ko yateye imbere cane kuko ituma mbere haba ubutumwa bwinshi,aho n’abakoresha ubwo buryo baganira cane hagati yabo,bagasangira n’amasanamu hagati yabo,ubutumwa bwo kwumviriza canke bagahanahana abagenzi.

Iyo Whatsapp ikaba irihishwa,aho itangisha I dorari rimwe ku mwaka,ikaba imaze kuronka imiriyoni 100 y’ama dorari ku mwaka ku mwaka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.