Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurundi ari ku rutonde rw’abahagarikizi bo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurundi ari ku rutonde rw’abahagarikizi bo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...)

Umurundi ari ku rutonde rw’abahagarikizi bo mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose

jeudi 16 Nzero 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’Umupira w’amguru FIFA ryasohoye urutonde rw’abahagarikizi bazoja muri Brezil guhagarikira inkino z’igikombe c’isi co mu mwaka w’ 2014, kuri urwo rutonde Uburundi burafisemwo umuhagarikizi.

Muri Afrika hatowe abahagarikizi bakuru 5, muri abo ni : Noumandiez Doue ava mu gihugu ca Cote d’ivoire, Papa Gassama ava mu gihugu ca Gambiya na Djamel Haimoudi wo muri Algeriya. Abo batatu umwe wese afise abandi babiri bari kumwe mu murwi.

Noumandiez ari kumwe mu murwi na Songuifolo bava mu gihugu kimwe hamwe Jean Claude Birumushahu w’Umurundi.

Papa Gassana ari kumwe na Evariste Menkouande wo muri Cameroun hamwe n’Umurwanda Felicien Kabanda.

Djamel haimoudi nawe ari kumwe na Abdlhak bava mu gihugu kimwe hamwe na Redouane wo muri Maroc.

Si abo gusa, Daniel Bennet wo muri Afrika y’Epfo na Neant Alioum wo muri Cameroun bari kumwe n’abafasha babo Djibril Camara wo muri Senegal hamwe na Marwa Range wo muri Kenya.

Amakuru duhabwa n’ikinyimakuru Africatopsports.com, amenyesha ko ata muhagarikizi n’umwe yavuye mu gihugu c’Ubufaransa kandi ribaye irya mbere ata muhagarikizi avuye muri ico gihugu inyuma y’imyaka 40.
Izindi mpande z’isi zaserukwe uku gukwirikira :

Uburaya : Brych, Cakir, Eriksson, Kuipers, Mazic, Proenca, Rizzoli, Carballo na Webb.

Afrika : Doue, Gassama, Haimoudi.

Océanie : O’Leary

Amerika y’epfo : Osses, Pitana, Roldan, Ricci, Vera Rodriguez.

Amerika y’uburaruko : Aguilar, Geiger, Rodriguez Moreno.

Aziya : Irmatov, Nishimura, Shukralla na Williams.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.