Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurundi Saido Berahino yatumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurundi Saido Berahino yatumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza

Umurundi Saido Berahino yatumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza

vendredi 7 Munyonyo 2014

Umukinyi w’umurundi Saido Berahino asanzwe akinira umurwi wa West Bromwich Albion wo mu gihugu c’Ubwongereza, yatumweko ubwa mbere mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza. Icizere abajejwe umupira w’amaguru mu Burundi bari bafise ko azohava akinira umurwi w’Intamba mu rugamba kibaye impfagusa.

Saido Berahino yatumweko ku rutonde rw’abakinyi bagiye gutegura inkino zibiri igihugu c’Ubwongereza kizokina, mu guhiganirwa uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igikombe ca buraya zizobera mu gihugu c’Ubufaransa mu mwaka w’2016.

JPEG - 43.8 ko
Saido Berahino yari amaze gukinira umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza w’abatarenza imyaka 21

Urukino rwa mbere Saido Berahino yatumiweko gukina ruzohuza igihugu c’Ubwongereza na Slovenia. Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, Roy Hodgson, yasiguye ko gutumako umurundi Saido Berahino yabitumwe n’ukuntu uwo mukinyi asigaye yigenza neza, yaba mu murwi wa West Bromwich Albion, canke mu murwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 21 yari asanzwe amaze gukinira. Tubamenyeshe ko mw’ihiganwa ry’Ubwongereza ryo mu cicaro ca mbere, umukinyi w’umurundi Saido Berahino afise ibitsindo cumi mu nkino cumi nyene. Abakinyi b’abasatirizi (attaquants) batumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza ni Rickie Lambert (Liverpool), Wayne Rooney (Man United), Daniel Welbeck (Arsenal), Saido Berahino (West Bromwich Albion).

Saido Berahino w’imyaka 21 yashitse mu Bwongereza mu mwaka w’2004, ahunze intambara yari mu Burundi. Yajanye na nyima wiwe, hamwe n’abandi bana babiri bavukana. Agishika mu Bwongereza, yahawe ubuhungiro mu gisagara ca Birmingham, ari naco gituma yakuze yimenyereza mu murwi wa West Bromwich wo muri ico gisagara, ari naho yahavuye atera umukono ku masezerano y’imyaka ine akinira uwo murwi.

JPEG - 41.6 ko
Saido Berahino n’umuryango wiwe bashitse mu Bwongereza bahunga intambara yari mu Burundi

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reverien Ndikuriyo, agarutse ava mu rugendo yaheruka kugira mu gihugu c’Ubwongereza, yari yijeje abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi ko umukinyi Saido Berahino ashobora kuzokwemera gukinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, ariko mukaba mwumva ko bitagishobotse.

JPEG - 53.7 ko
ibiganiro Reverien Ndikuriyo (i buryo) yari yatanguje vyo gusaba Saido Berahino ko yokinira igihugu c’amavukiro yiwe, vyabaye impfagusa

Abakinyi 26 batumweko n’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza

Abanyezamu ni batatu : Fraser Forster (Southampton), Ben Foster (West Bromwich Albion), Joe Hart (Manchester City).

Abakinyi b’inyuma ni umunani : Leighton Baines (Everton), Gary Cahill (Chelsea), Calum Chambers (Arsenal), Nathaniel Clyne (Southampton), Kieran Gibbs (Arsenal), Phil Jagielka (Everton), Luke Shaw (Manchester United), Chris Smalling (Manchester United)

Abakinyi bo hagati ni cumi n’umwe : Ross Barkley (Everton), Michael Carrick (Manchester United), Stewart Downing (West Ham United), Jordan Henderson (Liverpool), Adam Lallana (Liverpool), James Milner (Manchester City), Alex Oxlade-Chamberlain (Arsenal), Raheem Sterling (Liverpool), Andros Townsend (Tottenham), Jack Wilshere (Arsenal), Theo Walcott (Arsenal)

Abasatirizi ni bane : Rickie Lambert (Liverpool), Wayne Rooney (Manchester United), Danny Welbeck (Arsenal), Saido Berahino (West Bromwich Albion ).


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.