Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Academie Le Messager watahukanye igikombe mu mahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Academie Le Messager watahukanye igikombe mu mahiganwa

Umurwi Academie Le Messager watahukanye igikombe mu mahiganwa

mardi 8 Ndamukiza 2014

Abakinyi bahora mu makungu mu nkino z’umupira w’amaguru bariko baratahuka. umurwi Academie Le Messager wahora mu gihugu ca Turkiya wazanye igikombe, umurwi w’abana bahoze mw’ibarabara bari muri Brésil bari munzira bagaruka batahukanye igikombe c’umurwi wa kabiri.

Imirwi y’inkino z’umupira w’amaguru yahora mu makungu mu mahiganwa iriko iratahuka. Aha twovuga nk’umurwi wa Académie Le Messager wahora mu gihugu ca Turkiya, mu mahiganwa yawuhuza n’iyindi mirwi y’amashuri y’inkino. Uwo murwi washitse i Burundi ejo haheze, wagarukanye akamwemwe kuko ni wo watwaye igikombe wariko uhiganirwa n’imirwi 6, yo mu bihugu vy’Uburusiya na Turkiya.

Umurwi uhurikiyemwo abana bahoze mw’ibarabara bari mw’ishirahamwe New Generation bari bitavye inkino zawuhuje n’imirwi 19 y’abahungu, bavuye mu mihingo itandukanye yo kw’isi, ariko bahoze mw’ibarabara, n’imirwi y’abakobwa 8. Umurwi wa New Generation watahukanye ikibanza ca kabiri inyuma yo gutsindwa na Tanzaniya.

Abo na bo bazoshika ejo, igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine n’itanu z’igitondo (9h 45) ku kibuga c’indege c’i Bujumbura.

Raba aha munsi intango yo gukura abo bana mw’ibarabara, bakavamwo abakinyi mpuzamakungu bashobora guserukira igihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Imana yacu nigitangaza murakoze muraduteyitekavyukuri!!!!!!!!!!!!!!!!

  • imanishimwe. kandi ihabwicubahiro, kurico gikombe, abana bacu babarundi batahukanye, mumakungu. iteka kugihugu cacu. dusabiye imigisha, iyo mikangara, na equipe technique yabaherekeje.numugwi barimwo, batere imbere nkumuzinga. nihahangame BURUNDI nabarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.