Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi CDIF - Intwari mu myiteguro yo kuzokwitaba ihiganwa muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi CDIF - Intwari mu myiteguro yo kuzokwitaba ihiganwa muri (...)

Umurwi CDIF - Intwari mu myiteguro yo kuzokwitaba ihiganwa muri Hollande

jeudi 26 Nyakanga 2013

Umurwi wa CDIF (Centre de Détection et d’Initiation au Football - Intwari) ugizwe n’abana bato bariko bamenyerezwa gukina umupira w’amaguru. Mu minsi yahera, bari baronse akaryo ko kumarana indwi zibiri n’umumenyereza Van yaje ava mu gihugu c’Ubuhorande. Yarashimye ukuntu bakina aca afata intumbero yo kubandikisha mw’ihiganwa ry’imirwi y’abatarenza imyaka 15 rizobera mu gihugu ca Hollande umwaka w’2014

Nk’uko ikinyamakuru IGIHE canyarukiye aho uwo murwi usanzwe ukorera imyimenyerezo kuraba uko imyiteguro imeze, Karaveri Rurakanye (Abega) akurikiranira hafi ibikorwa vy’uyo murwi yamenyesheje ko batanguye imyiteguro y’iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Ubuhorande mu mwaka w’2014, rikazohuza imirwi y’abana bafise munsi y’imyaka 15 bavuye mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi yose.

JPEG - 24.1 ko
Karaveri Rurakanye (Abega) akurikiranira hafi ibikorwa vy’uyo murwi

Nk’uko Karaveri Rurakanye "Abega" yabimenyesheje, umumenyereza Peter yaciye asaba uburongozi bwa CDIF - Intwari ko bakwiye gutanguza kugirisha abana imyimenyerezo yo kwitegurira iryo higanwa. Akamo barakitavye, ubu imyimenyerezo bakaba barayitanguye, aho bazoza baragira imyimenyerezo gatatu mu ndwi.

Rurakanye Karaveri "Abega" arashimishwa n’intambwe abana bafise mu mupira w’amaguru kuko bigaragaza kazoza keza, akamenyesha ko bokwitabwako uko bikwiye Uburundi bwoba bufise imirwi ikomeye mu myaka iri imbere.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.