Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Desperados utegekanya guhura n’iyindi mirwi yo mu karere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Desperados utegekanya guhura n’iyindi mirwi yo mu karere

Umurwi Desperados utegekanya guhura n’iyindi mirwi yo mu karere

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Kuva mu ntango, umurwi Desperados wari umurwi ushaka gushira hamwe abanywanyi bawo mu bikorwa vyo kwinonora imitsi biciye mu nkino z’umupira w’amaguru, be n’ugufashanya hagati yabo.

Umurwi Desperados uri mu murwi yavutse kera mu gihugu c’Uburundi ,kuva mu myaka ya 80. Abawutanguje ubu bariko baregereza iza bukuru, ariko n’ubu baracinonora imitsi mu gukina umupira w’amaguru ku munsi w’Imana, bari kumwe n’imiyabaga basanzwe bakinana.

Nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Kidasharira batazira Kid, umukuru w’umurwi Desperados, avuga ko intumbero umurwi wabo wari ufise ukivuka kwari uguhuza abagenzi, bagahurira hamwe, bagakina bagakomeza urukundo n’ubucuti. Kuva aho bamwe mubawutanguye bagiriye mu Burundi abandi bakaja mu bihugu vyo hanze, baciye bafata intumbero yo gushiramwo abandi cane cane bakiri bato kugira bakomeze umurwi. Iyo bahejeje gukina baca bajana bose aho bivunira umusase.

JPEG - 25.7 ko
Umurwi Desperados

Kid abandanya avuga ko intumbero yabo ubu atari ukuja mu mahiganwa y’umupira w’amaguru atunganwa mu mashirahamwe y’umupira w’amaguru, ko nyabuna ari kugumana umutima wo gukunda gufasha nk’uko babigize igihe intara ya kirundo yari ibangamiwe n’ikiza c’inzara, kandi bakipfuza n’ukugumana n’abagenzi ba kera, bakongera bagatororokanya urwaruka rukina kandi rukunda umupira w’amaguru.

Umurwi Desperados kandi urategekanya guhura n’imirwi irimwo abageze mu zabukuru iri nko mu gihugu c’Urwanda, Tanzaniya, Congo. Barategekanya kandi kwunga ubucuti n’iyindi mirwi imwe imwe yo mu bihugu vya Buraya.

Abakinyi bo mu murwi Desperados bakaba baterwa akamo n’umukuru wabo Kid ko bokundana bagakunda n’abandi, kandi bakongera bakubahiriza amategeko agenga ishirahamwe. Abandi batera ingoga umurwi wabo ni Yozufu Bitama, asanzwe ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe be na Léandre Barampahaje, umwe mu batanguranye n’umurwi akaba aba ubu mu gihugu ca Canada.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.